Igihugu ca Amerika kivuga ko gishobora gufatira ibihano sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Yanditswe na IGIHE
Kuya 11 September 2018 saa 09:53
20565
0 0

Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kiragabisha ko gishobora gufatira ibihano sentare mpuzamakungu mpanavyaha niyo yabandanya umugambi wayo wo kuburanisha abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Amakuru dukesha BBC amenyeshako umuhanuzi w’umukuru w’igihugu ca Amerika mu bijanye n’umutekano,John Bolton yavuze ko iyo sentare itemewe n’amategeko kandi yemeje ko igihugu ciwe kizokora ibishoboka kugira kirinde abanyagihugu baco.

Ayo makuru avuga ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha iriko yiga nimba yoshobora kuburanisha abasirikare ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika kubijanye n’ihohoterwa bakoreye imfungwa zo mu gihugu ca Afghanistan.

Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika gisanzwe kitari mu bihugu biri muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i Lahaye ndetse n’ibihugu bimwe bimwe vyo ku mugabane wa Afrika biri muriyo senatre biza vyaratanguye gusaba kuva muriyo aho bivuga ko icira imanza gusa abanyafrika.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i Lahaye yashinzwe mu mwaka w’i 2000 i Roma mu gihugu c’Ubutariyano ibihugu bimaze kwemeza amasezerano yayo bikaba bingana 123.


Kumenyekanisha

1
Ссс 23-09-2018 à 12:18

5hona

2
Eric 14-09-2018 à 10:08

Jewe ico ndovuga uwutabona ntabona karya nagaso bateguriye abanya frican ntamuzungu arimwo jewe ndovuga ko ibihugu vyafrika vyoraba uko bisesa ariya masezerano .yarurya rukiko bakabirekera abazungu.tukagira urukiko rwacu muri afrika.kuko gufungwa nikumwe.

3
Kira 12-09-2018 à 10:33

Iyo buba Uburundi ubu baba bariko bavuga aya muhe.Umwaka Abanyafrika bategereye ko izo institutions za ONU atakindi zigamije atari ugupfukama munda Afrika, tuzoba twogoroye.
Kanura mubone mwa bakuru b’ibihugu vya Afrika. Reke kugurisha ibihugu vyanyu kubera inda ndende. Tegekanye institutions, ariko zikora mu bwingenge n’ubutungane, abazungu tubarekere ivyabo.
Murazi neza ko sans l’Afrika, izo institutions z’abasuma n’abambuzi zitobaho. Ariko nta kundi uwigize ikivumvu bamuyoza amase.
Hoboneka ibindi bihugu nk’Uburundi vyubahuka biti non au néocolonialisme, Afrika yoba ikize.

4
pacifique nzigamiyimana 11-09-2018 à 22:25

Emw,iyind,iraduhumiy yab biberey muburund amakung yaturenz,urwam.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha