IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abanyagihugu ba Haiti basabiwe imfashanyo

Abanyagihugu ba Haiti basabiwe imfashanyo

mardi 11 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasabiye imfashanyo abanyagihugu bo muri Haiti baharurwa mu bihumbi amajana basinzikajwe n’igihuhusi kivanze n’imvura cahitiye muri ico gihugu mu ndwi iheze.

ONU isaba imiriyoni zishika 119 z’amadorare y’abanyamerika yo gufasha kuronsa abanyagihugu ibifungurwa, amazi yo kunywa hamwe n’ibisakazo kubasinzikaye kurusha abandi.

VOA ivuga ko uwuserukira Haiti muri ONU, Pierre-Andre Dunbar, yatangaje ko abanyagihugu basinzikaye cane.

Abantu baharurwa mu majana icenda barenga nibo basize ubuzima muri ico gihuhusi, mu gihe igihugu cari kikiri mu mibabaro casizwemwo na nyamugigima yihaye inkumbi mu mwaka w’2010.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.