IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abanyamerika basabwe kuva muri Congo

Abanyamerika basabwe kuva muri Congo

vendredi 30 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika yategetse abanyagihugu babo bakorera muri RDC kuva muri ico gihugu. Ivyo bikaba bivuye ku bwoba ko hashobora kuba amatati akomeye ya poritike.

Mu misi iheze, imyiyerekano y’abatavuga rumwe na Reta yo kwanka ko amatora y’umukuru w’igihugu yungururizwa ku rindi sango, yaranzwemwo imishamirano.

BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko abatavuga rumwe na Reta bamenyesha ko iyo ngingo ari amayeri y’umukuru w’igihugu Joseph Kabira, mu mategeko yategerezwa kuva ku butegetsi mu kwezi kwa cumi na kabiri, yo kubandanya kuguma ku butegetsi.

Abantu 50 baraguye muri iyo mishamirano yabaye hagati y’abari mu myiyerekano n’abajejwe umutekano mu gisagara ca Kishasa.

Mu karere ko mu buseruko bw’ico gihugu kandi, haracari umutekano muke, Reta ya Joseph Kabila yarananiwe kugarukana umutekano inyuma y’ibisagara.

Ku musi wa kane, umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubufaransa, Jean-Mark Ayrault yavuze ko igihugu ca RDC kigeramiwe no gusubira mu ntambara kubera prezida ahari ubu adashaka kuva ku butegetsi.

Ayrault yabivuze igihe yariko arashikiriza ijambo abanyeshure biga muvyo ububanyi n’amakungu, muri kaminuza ya Science-Po, imwe muri kaminuza izwi cane mu Bufaransa, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya AFP.

Ubufaransa ni kimwe mu bihugu vyaguma bihimiriza ko haba ibiganiro bihuza bose kugira bumvikane kw’itariki y’amatora.

Yavuze ko igihugu ciwe citeguye gucungerera umutekano prezida Kabira, ariko ko ari ngiombwa ko avuga ku mugaragaro ko adashaka kwitoza ubugira gatatu.

Nk’uko biri mw’ibwirizwa shingiro, ikiringo ca kabiri ca Kabira, yashitse ku butegetsi inyuma y’iyicwa rya se wiwe, Laurent Kabila mu 2001, categerezwa kurangira igenekerezo rya 20 ukwezi kwa cumi na kabiri uwu mwaka.

Mu mwaka uheze, abantu 12 barishwe mu yindi myiyerekano yabaye nk’iyo.

Kuva RDC kironse intahe yo kwikukira haraheze imyaka irenga 55, nta prezida n’umwe arashikiriza ubutegetsi uwumukoreye mu ngata biciye mu nzira nziza.


IGIHE

Messages

  • Akarere kose k’ibiyaga bigari kagiye kwaka umuriro hasigaye tour y’irwanda narwo.
    Baturage badanya mu senga ngo haze Amahoro kuko bigiye gukomera.

  • Ikibazo kiri muri Congo ntahobitandukaniye nigeso ziri mu Burundi pe! Abaperezida bompi iyo bari kubutegetsi umengo ntawundi yoshobora gutwara igihugu! Ico yomenya nuko gutwara abandi bidasigura yuko ari ibijuju. Umuperezida w’ubwenge abwirizwa kumenya yuko abo urongoye harimwo abo urusha ubwenge, abo mubunganya nababugusumvya. Ariko ico Kabila atinya, atinya amabi akora yuko yosubirizwa mu nkoko. Bibe akarorero nom’Uburundi.

  • Afirika Turagow Abategetsi Bacu Nukwumira Kubutegets! Mana Waturemy Ndaziko Udukunda Raba Uhindur Ibibintu

  • None gayemwe abategetsi bomuraka karere ninde yabaroze? jewe harigihe nibaza, iyo bagiye kubutegetsi koharibintu barya bibatwara ubwenge, nuwo waziga koyoshobora kubakomeye usanga karabaye yapfuye kera mumutima kabisa. ba Nkurunziza ntibari hake, uwomudayimo wokutubahiriza amategeko wakwiye muribose.none banka kubisabandi ngonuko bazi gutwara gusuvya abandi? ahibambewe ntanivyobazi, kuko umutware nyamutwa ntiyemera kwamaraso aseseka mugihugu ciwe. nasanze arivyo basukwamwo ntabutware bazi, kandi ntanaho bazigera babumenya.umutware nuwanka gusesa amaraso mugihugu ciwe, nibige kugihugu ca Tanzania uburyo cihaye agateka mumakungu. bivuye kubarongoze baco bataja kubutegetse batumwe ninzara.

  • None gayemwe abategetsi bomuraka karere ninde yabaroze? jewe harigihe nibaza, iyo bagiye kubutegetsi koharibintu barya bibatwara ubwenge, nuwo waziga koyoshobora kubakomeye usanga karabaye yapfuye kera mumutima kabisa. ba Nkurunziza ntibari hake, uwomudayimo wokutubahiriza amategeko wakwiye muribose.none banka kubisabandi ngonuko bazi gutwara gusuvya abandi? ahibambewe ntanivyobazi, kuko umutware nyamutware ntiyemera kwamaraso aseseka mugihugu ciwe. nasanze arivyo basukwamwo ntabutware bazi, kandi ntanaho bazigera babumenya.umutware nuwanka gusesa amaraso mugihugu ciwe, nibige kugihugu ca Tanzania uburyo cihaye agateka mumakungu. bivuye kubarongoze baco bataja kubutegetse batumwe ninzara.

  • @semahoro urabeshya mu Rwanda ibyo ntibizigera bihaba ndakurahiye
    muri 2017 mukwezi kwa 8 amatora azoba neza cyane mumahoro nangere kuko turazi amahoro icyo avuze kuri twebwe.

  • @Semahoro,ntukitiranye ibintu,mu Rwanda ntivyoshoboka,Abanyagihugu bakunda Kagame kuko yabateje imbere, natwe Abarundi ibi twivugisha ngo twanka u Rwanda ni ubwoba bubituvugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.