Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi 12 bafatiwe mu Rwanda bagiye gucuruzwa muri Asia - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Abarundi 12 bafatiwe mu Rwanda bagiye gucuruzwa muri Asia

Abarundi 12 bafatiwe mu Rwanda bagiye gucuruzwa muri Asia

lundi 23 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’Urwanda cerekanye kuri uwu wa mbere Abarundi 12 bafatiwe ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda, Ku Kanyaru. Abo bafashwe bari bagiye gucuruzwa n’abanya-Kenya muri Asia, mu bihugu birimwo Arabia Saoudite, Oman na Qatar, nk’uko bivugwa n’igiporisi c’Urwanda cafashe abo bantu.

Abo barundi bafashwe kw’igenekerezo rya 10 Nzero 2017, bakaba bahagaritswe mu gihe Umurundi yari abajanye, yabageza ku mupaka, agiye kubashikiriza Abanya-Kenya. Muri uwo mwanya nyene, igiporisi c’Urwanda caciye kibikeka, batabwa muri yompi, mbere bababaza n’abari bagiye kubagurisha. Abo bafashwe bari bagiye kugurishwa ni abagore 11 n’umugabo umwe.

JPEG - 289.4 ko
CSP Lynder Nkuranga, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Urwanda

Igiporisi c’Urwanda kimenyesha ko abo bafashwe bagiye gushikirizwa igihugu c’Uburundi, nayo abari bagiye kubagurisha bashikirizwe ubutungane.

JPEG - 301.1 ko
Umurundi yafashwe ariwe ariko agerageza kudandaza bagenzi we ku banyamahanga

IGIHE

Messages

  • Bravo kuri police y’Urwanda . Iki nigitego Abarundi baca mu Rwanda bagiye gucuruzwa ni akaga gakomeye

  • abo bant bahanw kuk abant badandaz abandi ntah batandukaniye n’inyamaswa

  • Benewacu Burundi mwihangane ubukene buzohera,ugize imana aba umucakara naho abandi babakuramo imitima impfiko igitigu bakabitera mubazungu ibyabo birwaye....mwihangane igihe kimwe ubwobukene buzashira

  • Iyo baba ari abanyarwanda bafatiwe I Burundi baba babishe NGO nintasi.....haaaaa

  • Mbivuga burimunsi ko Abanyarwanda nta rwanko bafitiye Abarundi,iyo iza kuba ari Nkurikiye yari kuvuga ko bafatanywe intwaro, bravo le Rwanda

  • Raba Igipolice kiri professionelle,imwe yo ngaha ngo babajanye mw’igendereza, ubundi bakavyegeka k’u Rwanda ngo rwabatumye,HE Kagame ni umushingantahe atari yanyamaswa ngo ni Peter yiyita Umukizwa

  • Bareke birwaneko. None ko barindiriye imfashanyo y’Umusururu bagahebura. Banse gupfira mubana nkimbeba kk barazi ko ubuzima bwo muri Oman na Arabie Saoudite butoroshe ark nta choix bafise

  • Ico nico gihugu c’aba DD abatishwe badandazwa nkimpene. No kuri Rumariza nta ba esclaves b’Abarundi babayeho iryo shano ribaye kuri Nkurunziza nako Nkurumbi. Ba Barundi nabo utanka, ntibasibe muri alléluia Nkurunziza n’umugore batera nabo bitabira.Mwese muzoherera kuba des exclaves.

  • Imbereyokubaza Mbanje Kushimir Abobajejwe Umutekano Rekambaze Mwomeny Abobaribashowe Babagura Ngobabakoze Iki?Bobabarabashubije Muburundi?

  • ivyu rwanda biragoye nababanyi turazinanyi .

  • none babaguze.babakoreshiki?

  • @musaga gicere. Igipororisi cyurwanda nicyo witwa professionnel... Urantwengeje umbaye kure mba nguhaye igikombe cyuzuye amazirantoki ashyushye ukayahekenya.

  • Ntanguye gushimira itwari zu Rwanda kugikorwa bakoze, cogufata abobantu baribagiye gupfanabi muribirya bihugu vyabarabo!, nukuri birateye umubabaro ahumuntu ahitamwo kudandaza mwene wabo. uyomurundi yarabatwaye yarakwiye guhanwa vyakarorero, hamwe nabo ba Nyakenya, uburundi bwacu iyobuba bwaribufise abashingantahe bukuri !,mubategetsi ntihobuze abakorwako amatohoza, kuko ntushobora gushika muribirya bihugu udafise pasiporo,kuko ahomuca hose nicocambere batangura kugusaba.

  • @Kanyarwanda,wewe uri Interahamwe ntagitangaza kiri muvyo udedemba, amaraso y’abantu arasama sha,raba mukuru wawe Patiri Thomas Nahimana ivyo arimwo

  • bashogwa nk’intungwa bobo ntabwenge bazi?

  • @kanyarwanda,none wewe uvuga amazirantoki ngo woyaha umuntu akayarya,nimba usanzwe uyarya akakuryohera gumana ino wa kivagundu we, biciye binyibutsa igihe wewe naba DD mwaturira abantu bari bavuye mu Rwanda muri Bus ya Titanic,toka shetani kwa jina la Yesu

  • Ikingenzi ni uko abo bavukanyi bakize ubucakara. Kandi abagize uruhare bose kugirango barengerwe ni abo gushimirwa. Naho icyo kigoryi ngo ni Kanyarwanda nimukireke ubanza gitekereza ko gikoze mu ibuye cyangwa ko cyo ibishikira abandi coco bitagishikira. les imbéciles sont partout.

  • Harumusi Abarundi Mwese Muzokwikangura Ivyo Mwita Bibi Muboneko Ari Vyiza Ham Ivyo Mwibazako Arivyiza Musang Yari Gaz Yuburozi

  • @mwumba@musaga. Iyo ngengabitekerezo mufite mwatojwe nabaso bakoze ibara 72 mugihe bamariye abahutu kwicumu njye mbona ari ntakindi cyayibavanamo uretse kubaha ashushe nyine mukayumviriza wenda niho mwagira ubwenge. Kuko kwanga igihugu cy’uburundi ntaho bizabageza. Ndetse kumugaragaro na so wanyu Ndaribwaribwa inkoramaraso kagame ubu yarumiwe!!

  • Yo.. Abarundi Babay Ibikoko Bagez Mugwego Go Kudandazanya? Mama. Tabara Uburundi Nabarundi Turarush! Ndi Mahama Akarer Kakirehe ,Munkambi .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.