Accueil > Amakuru > Rwanda > Abayoboke ba Zebiya bahungiye mu Rwanda ntibarahabwa ubuhungiro
Abayoboke ba Zebiya bahungiye mu Rwanda ntibarahabwa ubuhungiro
samedi 31 Ntwarante 2018, par
Abo barundi basaba ubuhungiro mu Rwanda bavuye mw’ikambi y’impunzi ya Kamanyola muri Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo ku wa 7 Ntwarante 2018, bakaba baje bavuga ko batinya gusubizwa mu Burundi na Reta ya Congo. Izo mpunzi zitandukanye n’izindi ziba ku butaka bw’Urwanda kuko zo ntizemera imfungurwa n’imiti bivuye mu mahinguriro, bakaba batemera kandi guharurwa kugira igitigiri cabo bose kimenyekane.
![](local/cache-vignettes/L672xH504/pasi-2-fb615.jpg?1550797682)
Mw’itangazo ubushikiranganji bujejwe impunzi bwasohoye kuri uwu wa gatanu, bamenyesheje ko abasaba ubuhungiro bategerezwa kugira ivyo bubahirije, akaba ariho boburonka. Muvyo abo bayoboke ba Zebiya basabwe, harimwo kwemera guhabwa incanco, abarwaye muribo bakavuzwa hakurikijwe uko bikorwa ku butaka bw’Urwanda.
Mu ntumbero y’ukubarinda gusubizwa mu Burundi, abo barundi babwiwe ko bategerezwa kwubahiriza ayo mategeko.
Impunzi z’Abarundi zavuye muri RDC zashizwe mu makambi atatu y’agateganyo. Abagera ku 1607 bari i Bugesera, 522 bashizwe i Nyanza, abasigaye 394 bagumye Nyarushishi mu Karere ka Rusizi.
Egide NDUWIMANA