Abayoboke ba Zebiya bahungiye mu Rwanda bagabishijwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 13 mars 2018 saa 01:03
29700
0 0

Umushikiranganji ajejwe gukinga ibiza no gutahukana impunzi mu gihugu c’Urwanda, asaba impunzi z’abarundi zavuye mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo zimukira mu gihugu c’Urwanda kwisubirako zikemera gufungura ibifungurwa bahabwa.

Izo mpunzi zigizwe ahanini n’abayoboke b’umwigeme Zebiya NGENDAKUMANA zababa 2500, zavuye mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo kw’igenekerezo rya 6 Ntwarante 2018, zishikira mw’ikambi nfatakibanza ya Nyarushishi, mu buseruko bw’Urwanda.

Amakuru ava mu gihugu c’Urwanda aho izo mpuzni zashikiye, amenyesha ko inyifato berekana yateye amakenga abayobozi, aho banka ibifungurwa vyo mu mahinguriro, banka kuvurwa n’umuganga uwariwe wese uretse abo bazanye, ata mwana wabo bemera ko akingirwa, banka kurya amavuta, umunyu, isukari n’ibindi.

Kubera iyo nyifato, umushikiranganji ajejwe gukinga ibiza no gutahukana impunzi mu gihugu c’Urwanda, De Bonheur Jeanne D’Arc, ari kumwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu muri ico gihugu, Muganga Diane GASHUMBA baragendeye izo mpunzi kugira baganire ku nyifato bogira mu gihugu bahungiyemwo.

JPEG - 79.3 ko
Impunzi z’abarundi zimukiye mu Rwanda zivuye muri Kongo

Umushikiranganji ajejwe gukinga Ibiza no gutahukana impunzi amenyesha ko batokwemera ko ubuzima bwabo buhungabana kubera ivyo bemera, kandi ko amategeko y’igihugu c’Urwanda ategerezwa kwubahirizwa.

Uwuserukira izo mpunzi, amenyesha ko ivyo basabwa n’abayobozi mu gihugu c’Urwanda bigoye kwubahiriza, ariko bazogerageza, kuko bigoye kuvuga ko bishoboka canke bidashoboka.


Kumenyekanisha

1
lg 13-03-2018 à 19:10

Mu Rwanda ho si aho kuza gukinira. ngo ntazi ko bishoboka, canke bidashoboka ni bidashoboka bazabasubiza iwabo ntibibwire ko alibo bategeka ibyo bakorerwa. ntibibeshye impunzi, zose nikimwe

2
lg 13-03-2018 à 19:09

Mu Rwanda ho si aho kuza gukinira. ngo ntazi ko bishoboka, canke bidashoboka ni bidashoboka bazabasubiza iwabo ntibibwire ko alibo bategeka ibyo bakorerwa. ntibibeshye

3
nikwobamye geremie 13-03-2018 à 17:22

barabe neza kuko ivyo biribga baguma babahatirako ngo babirye kandi banse wosanga birimwo uburozi kuko sinumva ikintu gituma baguma babahatirira kubirya. cankwe barungike abahinga bavuye muburundi babanze babipime. murakoze.

4
Kevin 13-03-2018 à 16:44

Iyi dunia iko na vituko haki ya Mungu,nimubakubite iyo mihimbiri.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha