IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Inama Uburundi butitavye yatanguye i Kigali

Inama Uburundi butitavye yatanguye i Kigali

mercredi 21 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Mw’ikete yarungikiye Moussa Faki Mahamat arongoye inama y’ubumwe bwa Afrika, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamumenyesheje ko yakiriye neza ubumwa bumutumira muri iyo nama, kandi ko yari yipfuje kuzokwitaba, ariko ikibanza iyo nama izoberamwo (i Kigali mu Rwanda) kidahumuriza intumwa z’Uburundi, ku bijanye n’umutekano. Petero NKURUNZIZA avuga ko uwo mutekano utizewe kuko bamwe mu bashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015 bari muri ico gihugu. Urwo rwandiko ruvuga kandi igihugu c’Urwanda arico catanze imyimenyerezo ya gisirikare hamwe n’ibirwanisho, amakungu arorera.

Abari i Kigali ni umukuru wa Niger Mamadou Issoufou, Emmerson Mnangagwa wa Zimbabwe, Brahim Ghali wa Sahara, icegera c’umukuru w’igihugu wa Côte d’Ivoire, Daniel Kablan Duncan, icegera c’umukuru w’igihugu wa Seyschelles, Vincent Meriton, Cyril Ramaphosa wa Afrika y’epfo, Idriss Déby wa Tchad, Azali Assoumani w’Izinga rya Comores, João Lourenço wa Angola, Ismaïl Omar Guelleh wa Djibouti, Omar el-Béchir wa Sudani, Mohamed Ould Abdel Aziz wa Mauritanie, Filipe Nyusi wa Mozambique, Macky Sall wa Senegal, Adama Barrow wa Gambie, Ali Bongo Ondimba wa Gabon, Nana Akufo-Addo wa Ghana, Denis Sassou-Nguesso wa Congo Brazzaville.

Iyo nama yitezweko guterwa umukono ku masezerano y’isoko rusangi ya Afrika, nk’uko vyemejwe mu nama y’ubumwe bwa Afrika iheruka kubera i Addis Ababa muri Ethiopia mu 2018.

Umubano w’ibihugu bibanyi, Uburundi n’Urwanda, watanguye gutosekara kuva mu kwezi kwa kane umwaka w’2015, hatanguye imyiyerekano y’abiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Uburundi bwagiriza igihugu c’Urwanda ko kibitse abashatse gutembagaza ubutegetsi, ko Urwanda rwatanze ibirwanisho vyakoreshejwe mu ntureka zihitiye mu Burundi, kandi ko n’abarwanya ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bahabwa imyimenyerezo ya gisirikare muri ico gihugu.

Ku rundi ruhande, Urwanda rwagiriza Uburundi ko bukorana n’abarwanyi ba FDLR. Ibihugu vyompi bimenyesha ko bifise ivyagiriji bikwiye.

Kuva uwo mubano utanguye kubonekamwo utunenge, igihugu kimwe muri ivyo cakiriye inama, ikindi ntigiserukirwa.

JPEG - 62 ko
Cyril Ramaphosa, umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo ari mu bitavye iyo nama

Egide NDUWIMANA

Messages

  • abandibakuru bibihugu bagwanirabobarongoye kugirabaterimbere . nahuwacuwewe nukwicabarongoye nukutwicinshinzaragusa . mana ibukabowarenye ugarukirigihugucawe .

  • Twari tuzi ko uwurongoye ubumwe bwa Africa ari president kagame none ko yandikiye moussa faki??????ikindi nibariza iyaba urwanda ruri nyuma yihirika ryubutegesti bwa petero ubu yaba ari mu burundi????? Ngo umutekano igihugu curwanda gifise umutekano ukwiriye nicogituma abakuru bibihugu bari ikigali kubera barahizeye.ikibabaje nuko igihugu cuburundi kiguma gisubira inyuma kubera abagitwara batagikwiriye abanyagihugu nibo bagwa mumporero.mana tabara uburundi

  • nukuri kuvyombona abarundi naba nyagwanda bojahame baga fatana munda kuko nihamwe ibihi bihinduka bari bamwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.