Abarundi 5 bari bahungutse bava muri Tanzaniya bapfuye mw’isanganya ry’imodoka

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 30 Ntwarante 2018 saa 10:53
49140
0 0

Abarundi 5 bari bahungutse bavuye mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya nibo bapfuye, inyuma y’aho imodoka barimwo igize isanganya kuri uwu wa kane igenekerezo rya 29 Ntwarante 2018 bageze mu gace kitwa Kasharazi i Ngara mu ntara ya Kagera.

Amakuru ashikirizwa na Radiyo Kwizera ikorera i Ngara mu ntara ya Kagera aho mu gihugu ca Tanzaniya amenyesha ko imodoka imwe mu modoka 8 zari zunguruje abo barundi yagonze imodoka yari imbere yayo zose zica ziratembagara.

Ayo makuru abandanya avuga ko umushoferi yariko yunguruza iyo modoka yagonze yakomeretse.

Umukuru w’igiporisi mu ntara ya Kagera, Agustino Olomi aremeza ayo amakuru ariko muvyo bataramenya, hariho umwidondoro w’abapfuye hamwe n’igitigiri c’abakomeretse bose hamwe.

Umwe mu bashoferi b’izo modoka, Raimond Revocatus yavuze ko izo modoka zagize isanganya zari zifise ikibazo, imbere y’uko urugendo rutangura, ariko mu nzira ata ngorane yariyibonekeje.

Abakomeretse bariko bavurirwa mu bitaro vya Nyamiaga na Murugwanza vyo mu karere ka Ngara aho mu ntara ya Kagera.


Kumenyekanisha

1
bukuru omar 3-04-2018 à 10:50

Andika hano nibihangane ntakundi

2
Salathiel Damian Ishimweniryayo 31-03-2018 à 21:03

Kweli Abo Bantu Baguy Mumporera.Imana Ibakire Mubwami Bwayo.
Twasabako Imbere Yugufata Urugendo Mugutahukana Impunzi Bobanza Bagasuzuma Imodoka Zibatwara Kugirango Isanganya Nkiryo Ntirusubire Kuba.Ok #salathiel_Damian_Ishimweniryayo.

3
ntirandekura selemani 30-03-2018 à 19:24

imana ibakire mubwami bwayo

4
NTIRANDEKURA SELEMANI 30-03-2018 à 15:08

NDASABIYE UBURUHUKO BWIZA IMANA IBAKIRE MUBWAMI BWAYO

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha