Abarundi 7 bari mu minwe y’igiporisi c’Urwanda

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 15 juin 2017 saa 11:29
Yasomwe : 24588
0 0

Abarundi 7 bava muri komine Busoni, intara ya Kirundo bapfungiwe mu gihugu c’Urwanda kuva ku mugoroba wo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 14 Ruheshi 2017, bakaba bafashwe bariko bagerageza kujabuka bava mw’ikambi y’impunzi ya Mahama.

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 14 Ruheshi 2017, nk’igihe c’isaha icumi z’umugoroba ariho abarundi 13 bahagarikwa n’igiporisi c’Urwanda, ariko batandatu muri abo barashobora kurengana.

Ayo makuru nyene amenyesha ko indwi basigaye bagizwe n’abakenyezi 4 n’abana 3 bava muri komine Busoni, intara ya Kirundo, bahagaritswe, kandi bakibandanya kubazwa n’igiporisi c’Urwanda.

Ikambi y’impunzi y’i Mahama mu gihugu c’Urwanda yakiriye impunzi zirenga 30000 kuva hatanguye indyane za politike mu Burundi, mu mwaka wa 2015.


Kumenyekanisha

1
samuson 6-07-2017 à 10:09

Abarundi benewacu nibatah twubake igihugu hakirikar

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha