IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Abarundi basabwa guha agaciro ururimi rwabo

Abarundi basabwa guha agaciro ururimi rwabo

samedi 23 Nyakanga 2017

Mu kiganiro co guhahana ivyiyumviro kuruno wa gatanu igenekerezo rya 22 nyakanga 2017,Dr Pierre Claver KAZIHISE aserukira ACOPA-BURUNDI yamenyesheje ko abarundi batera baheba gukoresha amajambo amw’amwe y’ikirundi mu kibanza cayo bagakoresha amajambo y’izindi ndimi bigatuma ikirundi cibagirwa kigata n’agaciro kaco.

Dr Pierre Claver KAZIHISE yavuze ko bibandanije bikorwa ukwo impera n’imperuka Ikirundi bazosanga caraheze,ari naco gituma abarundi bakwiye kwisubirako bagaha agaciro gakwiye ikirundi arirwo rurimi rwabo.

Dr Claver Kazihise yagize ati : “Turiko turanyerera kuko ikirundi tumaze kukivanga n’izindi ndimi ,dukwiye kwisubirako tukamenya ko biriko bigenda nabi kuko abarundi babandanije bakora uko bosanga ikirundi caraheze.

Bimwe mu bituma ururimi rw’ikirundi ruta agaciro n’akanovera Dr Pierre Claver KAZIHISE amenyesha ko ari kahise k’igihugu, kuko benshi babona ko kwigana ururimi rw’abakoroni ariryo terambere bigatuma amajambo y’ikirundi asubirirwa n’ay’abanyamahanga.

Abitavye iyo nama basavye ko kugira ururimi rw’ikirundi rutere imbere umurundi wese yoshira agatima ko ikirundi kigeramiwe , amategeko n’amabwirizwa yose akandikwa mu Kirundi kugira gikoreshwe mu nzego zose, hamwe nuko buri murundi yobana ko afise agaciro kuko benshi babona ko uwuvuga indimi z’abanyamahanga ko ariwe afise agaciro.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.