IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundikazi 25 bagira baje kudandazwa bafatiwe i Nairobi

Abarundikazi 25 bagira baje kudandazwa bafatiwe i Nairobi

samedi 21 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Abo bigeme bo mu Burundi bafatiwe mu nzu iri aho bita i Westlands, mw’isakwa ryakozwe n’igiporisi ca Kenya cari caronse amakuru y’abo bantu boba bariko bitegurira kuja kudandazwa mu bihugu vy’abarabu, nk’uko vyanditswe n’ikinyamakuru "The Star" co mu gihugu ca Kenya.

Igiporisi ca Kenya kimenyesha ko catanguye gutegura ingene abo bigeme basubizwa mu Burundi.

Mw’ishirahamwe ryiyemeje kurwanya urudandazwa rw’abantu, "Observatoire National pour la Lutte contre la Criminalité Transnationale : ONLCT Où est ton frère" rivuga ko mu biharuro bafise, Abarundi bagera kuri batatu ku munsi aribo badandazwa mu bihugu bitandukanye, cane cane vyo ku mugabane w’abarabu. Muri iryo shirahamwe basaba Reta y’Uburundi ko yotegura neza amategeko ajanye n’ukuja kurondera akazi hanze y’Uburundi, kuko ku bw’iryo shirahamwe, bikiboneka ko urudandazwa rw’abantu rukibandanya mu yandi mayeri adasa n’aya kera.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Abo bantu baja kwironderera ingene bobaho hanze nibabareke. Urwo rudandazwa rw’abantu ko kera atarwo twaribwo tumve. Kera abantu baraja i "Manamba" canke i "Bugande" kandi nta wabazibira. Hakurambiye canke ata karusho uharonkeye waritahira mu mahoro. Bavuga ko bagiye kurobera. None Leta irakenyeye yugaranire Abarundi mu gihugu kandi ataco iriko irabafasha?

  • Nukuri birateye isoni cane,aho abagore basigay bata abagabo babo bakaj gukora akazi kakamaramaza nkakarya!Nukuri turasavy leta y’uburundi ihabere magabo,kuko ubu abobagor mukugend basigay bakoresha amayeri mensh.hama ndashimiy ico gipolis cabafash.

  • Yooo!icogipolisi cakoz neza,rero nibabagarukane,ndetse naboba baramaz gushika murivyo bihugu bajamwo leta yuburund ivugan nivyo bihug barimwo irab ko yabagarura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.