Accueil > Amakuru > Rwanda > Abarwanyi ba M23 baheruka kwinjira mu Rwanda bashikirijwe Croix-Rouge
Abarwanyi ba M23 baheruka kwinjira mu Rwanda bashikirijwe Croix-Rouge
jeudi 2 Ruhuhuma 2017, par
Inyuma y’iminsi ine hari umurwi w’abasirikare 35 bivugwa ko ari abarwanyi ba M23 binjiye ku butaka bw’Urwanda, abagera kuri 32 muri bo bashikirijwe ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho imbabare, Croix-Rouge, ishami ry’Urwanda. Bitegekanijwe ko abo bantu bazoca bajanwa mu karere ka Karongi, nk’uko biri mu mategeko mpuzamakungu agenga impunzi.
Abo barwanyi bashitse mu gihugu c’Urwanda baciye ku mupaka w’Urwanda na Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mu murenge wa Bugeshi, mu Karere ka Rubavu, mu gatondo ko kuwa 29 Nzero 2017, bakaba bivugiye bonyene ko bahunze ingwano.

Itegeko ritegekanya ko abinjiye mu gihugu muri ubwo buryo bategerezwa kujanwa mu birometero n’imiburiburi 50 bavuye ku mupaka w’igihugu bahunze. Abo barwanyi bajanwe mu karere ka Karongi, ahitwa mu Gisovu.

Umuyobozi mukuru wa Croix-Rouge mu karere ka Rubavu, Dr Dushime Dryckx avuga ko bagiye kubimura kubera ko ata mpunzi yemerewe kuguma hafi y’igihugu yahunze.
Abagera kuri 32 muri 35 binjiye mu gihugu bashikirijwe Croix-Rouge, abandi batatu muribo bakaba bakiriko barakurikiranwa kwa muganga, kuko bashitse mu Rwanda bakomeretse.

Abo barwanyi 35 ba M23 barimwo umwe afise ipeti rya Lieutenant Colonel bavuga ko bahunze intambara yari mu gace ka Kanyanja.
IGIHE