IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abashika 1222 baramaze gupfa bariko bagerageza kuja ku mugabane wa (...)

Abashika 1222 baramaze gupfa bariko bagerageza kuja ku mugabane wa Buraya

lundi 15 Rusama 2017

Nk’uko amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC abimenyesha,kuwa gatandatu igenekerezo rya 13 Rusama 2017, abasirikare bacunga imbibe zo mu mazi mu gihugu c’Ubutaliyano batoye kandi ibiziga vy’abagabo 7 bitavye Imana bariko bagerageza kujabuka.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abantu barenga ibihumbi 45 bava ahanini mu Buraruko bw’umugabane wa Afrika, aribo bamaze gushika mu gihugu c’Ubutaliyano kuva umwaka wa 2017 utanguye.

Amakuru ava mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi n’abimukira rivuga ko abantu 1222 aribo vyamenyekanye ko bitavye Imana bakiri mu nzira, bariko agerageza kujabuka ku mugabane wa Buraya, muri aya mezi ane ya mbere aheze y’umwaka wa 2017.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.