Abashoye ikawa bagiye gutangura guhembwa kuva kw’igenekerezo rya 1 Ruheshi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 31 mai 2018 saa 08:43
6780
0 0

Ihuriro ry’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa CNAC-Murima w’Isangi, rimenyesha ko igikorwa co guhemba abarimyi b’ikawa ku kiringo ca mbere kizotangura kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 Ruheshi 2018.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 30 Rusama 2018, Joseph NTIRABAMPA arongoye CNAC-Murima w’Isangi, yamenyesheje ko ikiro c’ikawa kizogurwa amafaranga amajana atanu y’amarundi kandi ko atan’umwe atagerezwa kuja munsi yayo.

Joseph NTIRABAMPA, arongoye Ihuriro ry’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa, amenyesha ko hari amashirahamwe abiri agura ikawa yamaze kwemera ko azotanga amafaranga 600 y’amarundi ku kiro c’ikawa.

Umukuru w’ishirahamwe CNAC-Muruma Rusangi amenyesha ko, ikiringo ca kabiri co guhemba kizoba mu mpera z’ukwezi kw’umunani, kuko abagiye guhembwa kuva kw’igenekerezo rya mbere Ruheshi, ari abashoye kuva mu ntango z’umwaka gushika kw’igenekerezo rya 12 Rusama 2018.

Joseph NTIRABAMPA, agashima ko umwimbu bari biteze atariwo wabonetse ahubwo habonetse mwinshi, kuko gushika ubu, umwimbu ugeze ku bice 75 kw’ijana.


Kumenyekanisha

1
Asumani mutarambirwa 31-05-2018 à 13:00

Nkumurimyiwikawambanjijekubashimirakomuduhaye.udufarangakare ayoyakabirinukobazoyaduhabatevyatwashakakwisumiranariryaumwimbuwagenzenabihamwehamwe

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha