IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afganistan : Abantu 31 bapfuye, 50 barakomereka mu gitero ku kazu (...)

Afganistan : Abantu 31 bapfuye, 50 barakomereka mu gitero ku kazu k’amatora

dimanche 22 avril 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umurwi w’abarwanyi ba Reta ya ki isiramu, ubicishije mw’itororkanirizo ry’amakuru AMAG, wamaze kwemera ko ariwo wagize ico gitero.

BBC ivuga ko, amakuru ya AMAG avuga ko umwiyahuzi yambaye ibisasu biturika yateye ikigo c’itora kiri mu karere ka Dashte Barchi mu burengero bw’umyrwa mukuru Kabul.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabwiye iradiyo BBC mu ntango z’uyu mwaka, ko abarwanyi b’abataribani n’umurwi wa Reta ishingiye kw’idini rya Islamu ,bagira ibitero ku banyagihugu kugira abanyagihugu bagumuke hace haba akajagari.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.