Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afganistan : Abantu bambaye impuzu z’abaganga bateye ibitaro bica (...)
Afganistan : Abantu bambaye impuzu z’abaganga bateye ibitaro bica abarwayi
jeudi 9 Ntwarante 2017, par
Abantu hafi 40 bishwe mu gitero cakozwe n’abantu biyambitse umwambaro w’abaganga ku bitaro binini vyo muri Kabul, nk’uko ubutegetsi bwa Afganistani bubimenyesha.
Abagwanyi bafise inkoho n’amagerenade binjiye mu bitaro babanje guturitsa gerenade imwe mu bwinjiriro, mu nyuma bugurura umuriro ku bakozi no ku barwayi.
Abasirikare bo mu murwi w’aba "commandos" bururukiye kw’idari ry’ibitaro Sardar Daud, nibo bahavuye bica abo bagwanyi bane, babanje gutana mu mitwe amasaha menshi.
Umurwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu "Islamic State" (IS) wemanze ico gitero, nk’uko BBC dukesha iyi nkuru ibivuga.
Umurwi w’aba Talibani wamenyesheje ko utagifisemwo uruhara.
Abantu barenga 50 bakomeretse, nk’uko ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwabivuze.
Umukuru w’igihugu Ashraf Ghani yavuze ko ico gitero cibasiye ibitaro bifise ibitanda 400, ko "cahonyanze agaciro ka kiremwa muntu".
Yagize ati : "Mu madini yose, ibitaro bifatwa nka ntahangagwa, kubitera ni nko gutera igihugu cose ca Afganistani."
Umwe mu bakozi yashoboye guhunga yabonye umwe mu bateye "yambaye ikoti yera afise inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov arasa uwo bahuye wese, harimwo abaraba abarwayi, abarwayi ubwabo hamwe n’abaganga".
IGIHE
Messages
9 Ntwarante 2017, 13:04, par Alice
Mana Tabarabawe Shetani Yaganguye .Amen
9 Ntwarante 2017, 18:47, par FELIX MUHIRE
Mumenye ko Mpwemu Yera?Mutima Mweranda ariko arava mw’isi. Igihe iyi si yahwe kirarangiye. Mu misi itandatu uze ukore ariko umusi ugira indwi n’isabato (Kuvayo 20: 9-10). Umusi umwe ungana n’imyaka igihumbi (2Petero 3: 9). Turamaze imisi 6 =6000 dukora ivyacu, none tugiye kuzokwinjira mu musi ugira 7 wo kuruhuka mw’ijuru (Ubwami bw’imyaka 1000. Imbere y’uko Yesu aza kudutora hazoba ivyago vyinshi, kandi vyaratanguye: " Kuko ubugizi bwa nabi buzoba bwiyongereye, kandi urukundo rwa benshi ruzotimba" (Matayo 24: 12). Ivyo rero ntibiduce ivutu, ariko abakunzi b’Imana tuyiyegereze cane dusenge. Abanyavyaha bazokomeza gukora ivyaha kandi nta munyavyaha azobitahura, ariko abagize ubwenge bazobitahura (Daniyeli 12: 10)
10 Ntwarante 2017, 23:23, par Girukwishaka
Yoooo!!!!! Yesuwanje!manugoroka ndakwinginze uzutabare iyisi turayiruhiyemwo yooo!!ababuzababo ndabahojeje bihanganene abitavyimana ibakire mubwamibwayo.