IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afghanistan: Abantu 24 bahitanywe n’igisasu Ku mugwa mukuru Kaboul

Afghanistan: Abantu 24 bahitanywe n’igisasu Ku mugwa mukuru Kaboul

lundi 24 Mukakaro 2017

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu muri Afghanistan, bumenyesha ko umwiyahuzi yaturikije ico gisasu mu gace kagwiriyemwo abaisiramu bo mu muryango w’abashiya mu burengero bw’igisagara ca Kaboul.

Amakuru ava aho I Kaboul, amenyesha ko ico gisasu catewe hafi y’urugo rw’umutegetsi wo hejuru ari mu ntwaro ya Afghanistan Mohammad Mohaqiq, ariko gushika ubu akaba ata muntu numwe canke umugwi uriyitirira ico gitero.

Mwomenyako ku mugwa mukuru Kaboul hama hatewe ibisasu n’imigwi y’abagwanyi babataribani hamwe n’umugwi wiyitirira Reta ya Kisiramu,igisasu giheruka guturitswa mu kwezi kwa rusama uyu mwaka wa 2017 cahitanye abantu 90.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.