Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afghanistan : Abantu 27 bahitanwe n’igisasu
Afghanistan : Abantu 27 bahitanwe n’igisasu
mardi 22 Munyonyo 2016, par
Umusigiti wa Baqir ul Olum uri mu gisagara ca Kabul muri Afghanistani waturikiyemwo igisasu cahitanye abarenga 27. Ico gisasu caturikijwe n’umuntu yari ku maguru yiturikirijeko ico gisasu, ari mu mugwi w’abantu, hagati mu musigiti.
Abategetsi bamenyesha ko ata mugwi canke umuntu n’umwe arimenyekanisha ko ariyemerera ko ariwe yakoze ico gitero.
BBC ivuga ko abo mu bwoko bw’aba Shia, bagize ibice 15 kw’ijana vy’abanyagihugu ba Afghanistani, bamaze gutegwa incuro nyinshi muri aya mezi aheze.
Abagera kuri 14 baguye ku cibutso co mu gisagara ca Kabul mu kwezi guheze.
Nayo mu kwezi kw’indwi, igitero umugwi wa Islamic State wiyitiriye cahitanye abantu bagera kuri 80 bari mu rugendo rw’imyiyerekano rwari rwateguwe n’aba Shia mu gisagara ca Kabul.
IGIHE
Messages
22 Munyonyo 2016, 12:41, par Nene Joy Nelson
Intambara iri hose turahojeje ababuze nukwihangana.
23 Munyonyo 2016, 19:16, par rashid niyomwungere
subhan lah mungu atawaona
23 Munyonyo 2016, 20:19, par ABDUR RAHMAN
NTAKUNDI NIBIHANGANE KUKO ALLAH AKORA IVYO ASHATSE