IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Afghanistan : Abantu 27 bahitanwe n’igisasu

Afghanistan : Abantu 27 bahitanwe n’igisasu

mardi 22 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Umusigiti wa Baqir ul Olum uri mu gisagara ca Kabul muri Afghanistani waturikiyemwo igisasu cahitanye abarenga 27. Ico gisasu caturikijwe n’umuntu yari ku maguru yiturikirijeko ico gisasu, ari mu mugwi w’abantu, hagati mu musigiti.

Abategetsi bamenyesha ko ata mugwi canke umuntu n’umwe arimenyekanisha ko ariyemerera ko ariwe yakoze ico gitero.

BBC ivuga ko abo mu bwoko bw’aba Shia, bagize ibice 15 kw’ijana vy’abanyagihugu ba Afghanistani, bamaze gutegwa incuro nyinshi muri aya mezi aheze.

Abagera kuri 14 baguye ku cibutso co mu gisagara ca Kabul mu kwezi guheze.

Nayo mu kwezi kw’indwi, igitero umugwi wa Islamic State wiyitiriye cahitanye abantu bagera kuri 80 bari mu rugendo rw’imyiyerekano rwari rwateguwe n’aba Shia mu gisagara ca Kabul.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.