Ahmad al-Faqi al-Mahdi yaciriwe urubanza, akicuza ku caha yakoze

Yanditswe na IGIHE
Kuya 27 Nyakanga 2016 saa 02:58
Yasomwe : 19755
0 0

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yahanishije umunyororo w’imyaka icenda Ahmad al-Faqi al-Mahdi yiyemereye icaha imbere ya sentare, icaha c’ugusambura intatemwa zo mu gisagara ca Timbuktu co mu gihugu ca Mali. Ahmad al-Faqi al-Mahdi yabonetse asa n’uwicuza ku vyaha yakoze.
Ico caha yagirijwe cakzwe igihe umurwi wishimikiza amategeko ya ki islamu wifatira akarere k’uburaruko bwa Mali, Ahmad al-Faqi al-Mahdi akaba ariwe yari ayoboye ibikorwa vyo gusambura inyubakwa zo mu gisagara ca Timbuktu. (...)

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yahanishije umunyororo w’imyaka icenda Ahmad al-Faqi al-Mahdi yiyemereye icaha imbere ya sentare, icaha c’ugusambura intatemwa zo mu gisagara ca Timbuktu co mu gihugu ca Mali. Ahmad al-Faqi al-Mahdi yabonetse asa n’uwicuza ku vyaha yakoze.

Ico caha yagirijwe cakzwe igihe umurwi wishimikiza amategeko ya ki islamu wifatira akarere k’uburaruko bwa Mali, Ahmad al-Faqi al-Mahdi akaba ariwe yari ayoboye ibikorwa vyo gusambura inyubakwa zo mu gisagara ca Timbuktu.

Inyubakwa zasambuwe zirimwo intatemwa n’imisigiti mu kibanza gishingura ivya kera vyaranze idini rya islamu, nk’uko tubikesha BBC.

JPEG - 32.6 ko
Ahmad al-Faqi al-Mahdi yiyemereye icaha imbere ya sentare

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ivuga ko hari ibituma uwo mugabo yari gupfungwa gushika ku myaka 30, ariko akaba yagabanirijwe igihano. Bimwe muri ivyo vyatumye akubitwa inkoni ngufi, n’uko yerekanye ko yicuza, kandi yabanje kunana gukora ico caha, atako ababazwa n’imiryango y’abo ico caha cakozwe cagizeko ingaruka.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yamenyesheje kandi ko ikindi catumye Ahmad al-Faqi al-Mahdi agabanirizwa igihano, ari uko yanyarukije kwemera icaha, ivyatumye iyo sentare idata umwanya canke isesagura mu gukora amatohoza ku rubanza rwiwe.


Kumenyekanisha

1
BUTUNGANE 27-09-2016 à 18:33

UBUTUNGANE IYO BUKOZE NEZA,IMITIMA IRAGOROROKA NICO GITUMA UWO MUNTU YICUJIJE.NATWE BITUBIRE AKORORERO

2
NTAKIRUTIMANA GERARD 27-09-2016 à 18:01

EEEEEE UMUGABO APFA NKUMUGABO

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha