Alabama : Umucamanza adashigikiye abubakana basangiye ibitsina yahagaritswe mu kazi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 1er octobre 2016 saa 12:54
Yasomwe : 19449
0 0

Umucamanza mukuru w’intara ya Alabama yo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, yahagaritse mu mabanga yiwe, akaba yahowe ko yanse gukurikiza itegeko rya sentare nkuru, ku vyerekeye ukwubakana kw’abasangiye igitsina.
Umucamanza Ray Moore yasavye ko abashaka kwubakana basangiye igitsina babima urupapuro rwo kwubakana, inyuma y’aho mu mwaka uheze hemerejwe ko abakundana basangiye igitsina bashobora kwubakana.
Uwo yahagaritswe mu kazi yavuze ko ingingo yo kumukura ko ari isekeza ryakozwe (...)

Umucamanza mukuru w’intara ya Alabama yo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, yahagaritse mu mabanga yiwe, akaba yahowe ko yanse gukurikiza itegeko rya sentare nkuru, ku vyerekeye ukwubakana kw’abasangiye igitsina.

Umucamanza Ray Moore yasavye ko abashaka kwubakana basangiye igitsina babima urupapuro rwo kwubakana, inyuma y’aho mu mwaka uheze hemerejwe ko abakundana basangiye igitsina bashobora kwubakana.

Uwo yahagaritswe mu kazi yavuze ko ingingo yo kumukura ko ari isekeza ryakozwe n’abakundana basangiye ibitsina, ryo kubandanya ingendo itandukanye n’imico n’imigenzo.

JPEG - 35.1 ko
Umucamanza Ray Moore

BBC ivuga ko umugwi w’abashigikiye ukwubakana kw’abasangiye igitsina wamwitwariye, wavuze ko yahawe akazi nk’umucamanza mukuru atari ak’umumenyeshamana.

Moore, azwi cane ku ngingo yafashe yo kwubaka umunara w’amabwirizwa cumi yo muri Bibiliya, ku nyubakwa ya sentare yo muri iyo ntara, kandi yiyamiriza ku mugaragaro abakundana basangiye igitsina.

Uwo mucamanza kandi, hari igihe yasavye abacamanza bo muri iyo ntara ya Alabama, kudaha impapuro abubakanye basangiye igitsina, biteye kubiri n’ingingo ya sentare nkuru muri Amerika ibaha ubwo burenganzira.


Kumenyekanisha

1
Andre mussa 15-10-2016 à 10:04

Ray Moore ingingo wafashe ninziza caaaane IMANA irikumwe nawe,urakomereza ngaho IMANA irakubona nka President NKURUNZIZA Pierre kizire ko shetani yiganzira isi.harageze ko IMANA yiyerekanako ari IMANA kwisi yose.Abagukuye bazotangara nibaguma babona ivyo wemeje habonetse n’abandi babikomerako

2
nduwayo 4-10-2016 à 18:58

Amategeko yisi ntiyambaye ipantaro

3
Divine Cankuz 3-10-2016 à 19:58

Nukuri Imana Izobahana Ntankeka.Yemwe Mwibuk Ibi Nibihe Vyiherezo Uwezwa Niyezwe Uwandura Ashishikare

4
nsaguye andré 2-10-2016 à 20:00

nonegayemwe !bigiyekumeragute ?ubunyenekarashizinganiduhinyuze imana ?mbeganonekw imanayaremyumugabo hanyum imazekubonakobitabereyekoyibana igac irem umugore kugirangobabane bishobokagutekubasangiy ibitsina kobubakana ? abobantu imanayarikwiyekubahanabatarabib iyombutombikwisiyayo.kandibitebebitebuke ukubokokw imananikurekure irababona.

5
Ruzobavako 2-10-2016 à 11:09

Yanse Kuba Mpemuke Ndamuke.Yaratahuye Ko Atavutse Ari Umucamanza Ico Kibanza Ari Icisi, Nayo Isi Ifise Umutware Wayo, Nawe Yomowe Burundu Mwiparadizo.Ivyo Bihemu Navyo Nivyitize Ububasha, Vyifashishije Ubugarariji,urwaciriwe Rusiferi Shebuja Wabo Rurabarindiriye.Cokimwe Nabo Bategetsi Basinya Amategeko Yaboze, Bihaye Umugambi Wokugarariza Umuremyi, Umuhanuzi Habakuki Ati:mbe Mukama Nikuki Undeka Ngo Mbone Ayo Mabi Yose Akorwa Kandi Ukihorera,....1:2-3 ;2,2-4 .Abo Bagarariji ,ivyo Bivume Nivyumve,

6
John Luc Bizimana 2-10-2016 à 11:05

Uwo Mucamanza Ahowe Ubusa Kuk Ivyo Bintu Nibara Imana Yavuze Ko Umugabo Azobana Numugore Ntiyavuze Umugabo Kuwund Cank Umugore Kuwund . Turagabe Umuhero Washitse Kweri !!!

7
Mpozamarira Erias 2-10-2016 à 04:46

Turakeje uwomucamanza kuriyo ngendo nziza ishimishije ya fashe yokudashigikira ivyobihumane. nakomere kwibanga isi yiba,yarimwo abantu nkabo, yohindutse paradiso.

8
Kuri 1er-10-2016 à 23:45

UYO NUMUKOZI WIMANA AKWIYE PE ! IMANA IMUHE KWIHANGANA KANDI ARONKE AKAZI KARUTA AKO

9
nsaguye andré 1er-10-2016 à 23:37

emwe ! isiyarangiyekweri.mbegabishobokagute kumugaboyabirumugabonkawe ? cankumugore kumugorenkawe.ahubworero nidukovyegusenga kukotwagezemwayamisiyanyuma.

10
Mukristumurugendo 1er-10-2016 à 18:49

Ararenganijwe gose akoze ivyiza aciye itwa mubi.
Ababi nibobasigaye bafise ijambo ngaha kwiy’Isi !
Reba ngaha Burundi reta yabwiye amakungu ati abatanguje ubwicanyi harimwo nabagerageje gukubita kudeta bahagarikwe iyobarihose ariko amakungu ahokubikora yaciya afatira ibihano uburundi maze ayomakungu acayibandaniriza kwikoranira nabobaribakwiye gushikirizwa ubutungabe maze ayomakungu akakira ivyabwiwe vyose nabobantanguje imigumuko nubwicanyi !

11
Richard 1er-10-2016 à 17:53

Isi Ikeneye Abagabo Nabagore Bahagarara Neza Murikigihe.Nkuwomucamanza

12
Richard 1er-10-2016 à 17:51

Isi Ikeneye Abagabo Nabagore Bahagarara Neza Murikigihe.Nkuwomucamanza

13
. 1er-10-2016 à 16:24

Ubuntimubonye ko atamuny’america afise uburenganzira mugihugu ciwe !?
America hari reta yigihugu.

14
DAMIEN 1er-10-2016 à 15:34

YESUNIWERIBARIMAR’INYOTA

15
DAMIEN 1er-10-2016 à 15:14

MANATABAR’ISI

16
ciza 1er-10-2016 à 13:35

Is ikeney abagabo nkabo batemera ubuhimbiri bwokurongorana kubasangiy ibitsina. Urumugabo nka président nkurunziza’ abo bazungu babakozi bashetani ntabwoba bazodutera ’umuti wabo namasengesho’ ivyo nivyo bapacific bariko baraturonderera murayo mashetani yabazungu

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha