Accueil > Amakuru > u Burundi > Amasoko indwi yubatswe ku mfashanyo y’ubumwe bwa Buraya yuguruwe
Amasoko indwi yubatswe ku mfashanyo y’ubumwe bwa Buraya yuguruwe
jeudi 10 Myandagaro 2017, par
Mu birori vy’ukwugurura ku mugaragaro izo soko vyabereye mu Ruziba, Pascal BARANDAGIYE umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko Reta y’Uburundi ishimira umuryango w’ubumwe bwa Buraya wafashije mu gutanga amafaranga yakoreshejwe muri ivyo bikorwa.
"Kw’izina rya Reta y’Uburundi tukaba tuboneyeho akaryo ko gushimira bimwe bivuye ku mutima ibihugu bigize uwo muryango, kuko arivyo vyatanze ubwo buryo bwose bwakoreshejwe kuri izi nyubakwa. Tukabasaba rero ko n’ubu bobandanya badushigikira mu yindi migambi y’iterambere."

Pascal BARANDAGIYE yasavye abadandaza bazoronka ibibanza muri ayo masoko ko bokwitwararira gushira ibidandazwa vyabo mu mashirahamwe ashumbusha abahuye n’impanuka (Assurances).
Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura avuga ko umurwi ujejwe gutanga ibibanza muri ayo masoko ugiye gutangura akazi kawo, akizeza abahora bafise ibibanza mu masoko yasanuwe ko bazobisuzwa, ariko akavuga ko abazobihabwa ari abafise ivyemeza vy’uko ivyo bibanza vyari ivyabo (Fiche). Freddy MBONIMPA abwira kandi abari bafise ibibanza muri ayo masoko, ko igikorwa c’ukubasubiza muri ivyo bibanza kizokorwa ku mugaragaro.

Ayo masoko yuguruwe kuri uwu wa kane ni indwi : Ruziba yubatswe gushasha, hamwe n’atandatu (Kanyosha, Musaga, Kinindo, Jabe, Ngagara na Kinama) yasanuwe. Yose hamwe yubatswe ku mafaranga arenga imiriyoni zitanu z’amafaranga y’amanyaburaya, ayo yose akaba yatanzwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya.


Egide NDUWIMANA
Messages
11 Myandagaro 2017, 09:54, par Karikurubu
Mbe ko mwagiye mu mabarabara mugatuka abazungu hamwe n’ubumwe bwa buraya nkaba mbona munezererewe n’amasoko babubakiye?aba DD muratwengeje kabisa
1er Gitugutu 2017, 02:32, par Papy Ivy Zikurakure
Politique zirarutana, abahutu bacuramwe mu mitwe yabo hamwe n’abatutsi banyuzwe no gushira hasi abandi muzobona ko ataho bizobashikana. Muzosanga uburundi bwarubatswe mwishinga kuzemazema mu ma coup d’état no guturira abantu mu ma pine y’imiduga mwibaza ngo amakungu ntabibona.