Amazina y’abakoze igitero c’i London ashobora kuvugwa

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 5 juin 2017 saa 04:13
Yasomwe : 3645
0 0

Igiporisi c’Ubwongereza kirabandanya amatohoza ku bantu bagera kuri cumi na batatu bafashwe bagirizwa ko aribo bakoze igitero cahitanye abantu indwi abandi 48 barakomereka mu gisagara ca London, kuri uwu wa gatandatu. Igiporisi kivuga ko kigiye kumenyesha vuba imyidondoro y’abo bafashwe.

Umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Ubwongereza amenyesha ko amatohoza ariko akorwa mu buryo bunyaruka. Amazina y’abafashwe akazoshirwaho ahabona abajejwe igendereza nibamara kubona ko ata wundi murwi w’abakorana n’abo bantu uhari.

Islamic State yamaze kwemera ko ariyo iri inyuma y’ico gitero wavuze ko uri inyuma y’iki gitero.

Mu mezi atatu gusa, ibitero bitatu nivyo bimaze kugirwa mu gihugu c’Ubwongereza, kimwe cabereye ahakorera inama nshingamateka i Westminister mu kwezi kwa gatatu, ikindi cabereye i Manchester gihitana abantu 22.

Igiporisi c’Ubwongereza cashizeho umurongo wa terefone ufasha abakomeretse canke abafise impungenge ku makuru y’incuti n’abagenzi.

Inyuma y’ico gitero, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, abicishije ku muhora wiwe wa Twitter, yahojeje imiryango y’abaguye muri ico gitero.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha