Amerika:Abahoze baserukira ibihuvu vya Afrika bandikiye umukuru w’igihugu

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 19 janvier 2018 saa 05:33
17655
0 0

Inyuma y’aho Donald Trump, umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yise ibihugu vya Haïti, Salvador n’ibihugu vya Afrika ko ari ibihugu vy’umwanda « Pays de merde », abahoze baserukira Afrika muri Amerika bashika kuri 48 bandikiye Donald Trump bashikiriza aho bahagaze.

Muri iryo kete barungikiye Donald Trump,bagarutse ku majambo yashikirije mu gihe yari mu nama yerekeye abimukira.

Muri urwo rwandiko, baributsa Donald Trump ko Afrika ari umugabane ufise Ubuntu, ubwiza buteye igomwe, ubutunzi kama, bakibutsa ko Afrika ifitaniye kahise kanini na Amerika.

Bongeye baributsa imigenderanire y’ubutunzi n’igisirikare hagati ya Afrika na Amerika, bakavuga ko abanyafrika, ndetse n’abirabure baba muri amerika, bafise kinini batereye kugira isi ibe uko iiri ubu.

Abo bahoze baserukira Afrika bagiriyeko basaba Trump guhindura ukwo afata Afrika n’abanyafrika,n’ibikorwa bakora, kw’isi no muri Amerika


Kumenyekanisha

1
Fanny 20-01-2018 à 23:00

Njye trump mbona atazorenza uyumwaka akiri president !

2
king 19-01-2018 à 19:52

Ariko abirabura murasekeje mubona kwandika byahindura iki kuri Trump ari nka Amerika mututse yahita ibafatira ibihano ariko kuko Amerika ariyo twese dukeshaho amaramuko muta igihe mu magambo kuko abirabura turi ubusabusa imbere ya abantu buruhu rutukura .ni nk’ inkoko cg urukwavu imbere ya nyirabyo kuko aba yabikoresha icyo ashaka. abarabura imana yarabumye ariyo mpamvu uwugize amahirwe akabona cash ahita yumva ko icyo ashaka cyose cyakorwa. naho ubaye umutegetsi ahita yumva ko ari imana ...koko abirabura ni bene Kushi ukomokaho umwami Farawo wiyitaga imana gusa Farawo ikiza cye nuko yafashaga abaturagi be kandi bose akabubakira ....naho aba buzukuruza be tubona ubu nuko bo Ntampuhwe cg Ntarukundo bagirira imfubyi nabapfakazi ..... Reka abazungu bitwe abera koko nabera ....reka nabirabura bitwe abirabura kuko no Mu mitima yabo harirabura no mubyo bakora biba byirabura.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha