Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Amerika : Abantu 20 bakomerekeye mu myiyerekano yiyamiriza iyicwa ry’umwirabure
Yanditswe taliki ya 22-09-2016 - isaha 09:16' na IGIHE

Abanyamerika bari mu myiyerekan batanye mu mitwe n’abaporisi, bongera babuza n’uruja n’uruza mu mabarabara mu gisagara ca Charlotte, muri Reta ya Carolina yo mu buraruko bwa Reta zunze ubumwe za Amerika. Ah ni inyuma y’aho umuporisi w’umwirabure yiciye umwirabure nkawe kuri uwu wa kabiri.

Abantu bashika 20 barimwo n’abaporisi 12 nibo bamaze kumenyekana ko bakomerekeye muri iyo myiyerekano. Abaporisi bakaba bateye ivyuka bikoroza amosozi kugira bashiragize abari mu myiyerekano.

Uwo mwirabure yishwe nawe yari azwi kw’izina rya Keith Lamont Scott, nk’uko tubikesha VOA.

Igiporisi gitangaza ko uwo yishwe yarashwe kuri uwu wa kabiri, igihe abaporisi bariko barondera uwundi muntu baca babona uwo mugabo w’imyaka 43 avuye mu modoka afise inkoho, babona guhita bamurasa.

Scott abaye umunyamerika agira 702 mu bamaze kwicwa n’abaporisi muri uwu mwaka w’2016, mukamenya ko muri abo bamaze kwicwa, abagera kuri 163 muribo ari abirabure.

Umukuru w’igisagara ca Charlotte, Jennifer Roberts, yamenyesheje ko abanyagihugu bakwiye kumenya ukuri ku vyabaye kandi ko amatohozwa yamaze gutangura.

Ivyiyumviro vyanyu

ICOSHAKA KUMENYA IHONYABWOKO RYABAYE KURI BUYOYA MUBURUNDI NITAMBARA YABEREYE MURIBUGA KOMINE KAYOGORO MBE ? NINDE YARAYIGIZE NICWA RYAZUNIGA UMUZUNGU MURI MUZYE KOMINE GIHARO INTARA YARUTANA NIBANDE BABIGIZE SAWA

6.11.2016 à 11:10
NDIKUMASABO JOZIAS

Turagowe.Mbe Amerika Ntiyoba Ikeneye Inteko Mva Makungu Nk’abasirikare B’abarundi Kugira Bacungere Ntahabandanye Haba Ihonyabwoko Rikorwa N’ubutegetsi Bwa Amerika ?

7.10.2016 à 20:03
Kyuft

Braaje pe

26.09.2016 à 13:22
sunzu

Abazungu barabonyeko afrika turi ibijuju noneko abapolisi bazibiye abari mu myiyerekano, ariko iburundi ngo abapolisi ntibacungere umutekano, urwo rwenge. Igipolisi cungere umtekano no muri Amerika barawuhagararira

24.09.2016 à 19:43
folmand

None abahinga bihonya bwoko ico bakivugakwiki ?

22.09.2016 à 13:21
Nzoyihera B..

noneko hamazegupfa beshi numwaka utarahera kondi atanintambara ihari !!!!!!!!

22.09.2016 à 11:51
vianney

None nabo babiciriki aho bama bariko bakandamiza uburund bazotinda nabo bahinyuka

22.09.2016 à 10:53
ninka

ONU iratwenza NGO muburundinibafatirwe ihano NGO hapfa abantubeshi kuvabananiwe guhirika ubutegetsi bwa nkurunziza ONU imemyeshako muburundi hamazegupfa abantu 567.muri amerika uyumwa hsmszegupga abantu 702 yoyo ntirafstirwa ibihano ?

22.09.2016 à 10:25
Bonniemusonda

Ihonyaboko Muri America Ryaratanguye Barabe Neza

22.09.2016 à 09:53
kabisi

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.