IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Abanyagihugu batunganije imyiyerekano y’ukwiyamiriza itorwa rya (...)

Amerika : Abanyagihugu batunganije imyiyerekano y’ukwiyamiriza itorwa rya TRUMP

jeudi 10 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyagihugu ibihumbi bihereje amabarabara mu gisagara ca New York, hamwe n’imbere y’inyubakwa y’Umukuru w’Igihugu muri Washington DC, ah akaba ari inyuma y’aho hamenyesherejwe ibiharuro vyavuye mu matora y’Umukuru w’Igihugu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Iyo myiyerekano yabaye mu mutekano ntangere, abari muriyo bakaba bari bafise inzandiko ziyamiriza Donald Trump yatahukanye intsinzi mu matora. Abo banyagihugu bavuga ko batamushaka, ko badashaka amacakubiri muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Iyo myiyerekano yabereye kandi muri Reta ya Chicago, mu gisagara ca Philadelphie, muri Boston no mu bisagara vya Los Angeles, San Francisco, hamwe na Seattle.

Muri Caifornia, kuri uwu wa gatatu, mu gihe ivyavuye mu matora vyari bihejeje kumenyeshwa, abanyeshure bo mu mashure yisumbuye na kaminuza bakaba bagize imigumuko, aharangwa abimukira baturuka mu gihugu ca Mexique, nk’uko tubikesha VOA.

Abo banyeshure b’abimukira bavuga ko batewe ubwoba n’ivyashikirijwe na Donald Trump mu myiyamamazo, aho yerekanye imvugo y’umunyamacakubiri.


IGIHE

Messages

  • oya oya oya. nibareke batejimigumuko iwacu Burundi nabo nibaturire abantu turabe komuri15 munit batazoba babaguye gitumo.arikomuburundi ngo nibumvikane nabagumutswi.

  • Biraca biraza kuko biratanguye,nabado kuko bakozikosa rikomeye kugihugu gikundwa n IMANA hamwenabandibose bigirukobashatse bakavugankaho aribo biremye bagiye kubona itandukaniro ryuwushigikiwe numuntu hamwe nuwushigikiwe n IMANA .umuntuwese yiteranya n UBURUNDI agiye kwibonerako,barundi benewacu mwitegereze neza kuko tugiyekubona ukugiraneza kw Imana yacu.dushimimana tunayizere tuyerwke vyose kuko niyo itugwanira niyo ituvugira !! Ndabivuzekandi abantubose nibihugu vyifatiye mugahanga uburundi bakanezegwa nuko babuhungabanya bagiye kubonibara nibatihana ngobasabimbabazi uburundi nabarundi.dushigikire abaturongoye munzegozose kuko bashizimbere IMANA ntizobatererana narimwe,nkebure abavugako prezida wacu asenga ibitarimana mwikebuke kuko abikora mukuri abikora mubitarukuri nuko ariwe mukuru wigihugu avugiMANA agakoribikorane nisikabimenya ico giheshi MANA icubahiro nahosatani avyuringunza ntakibanza afise kuburundi.dufatanamaboko tumufashe gusenga ahatarashika tuhashike ntitumutererane kuko yaramuduhaye tumusengere tumwiyumvemwo gutyo tuzonezereregwa igihugucacu atakukivuganabi .IMANA IHEZAGIRE NYAKUBAHWA P -NKURUNZIZA IGISIRIKARE IGIPOLICI RETA YOSE NIBIKOGWA VYOSE BIKORWA MUTWIGORO TWOKUGARURA IMITIMA YABARUNDI KUKUBUMWE ihezagire ivunubutaka bwigihugucacu abarimyi bimbure inzara nubukene bihungigihugu cacu tuyishime tuyitazire tuyisenge tutagira umubabaro .hubahwe numugaba wingabo mumigambiyose yogutezimbere igihugu afise mukwingingira abantu gucabugufi nokwirinda kubintagondwa kuko ntamuguza biha ababikoze.ihezagire igikorane kirikokiraba yakiramashimwe yivyoyakoze nivyo izokora vyose Amen

  • Bwabundi nahone nta démocratie iharangwa.Kuberiki aba démocrate batagomba gushira aho intahe ishize?Utamutoye baramutora,udatoye baragutorera.Nibatekereze haburana2 hagatsinda 1.Ntakabura imvo aho hariho abari inyuma yiyo migumuko.Ba Pacifique NININAHAZWE ntibari hake.

  • Ubu niho babonye ko batamushaka kandi amaze imyaka ibiri yiyamsmaza? Akari mu mpene niko kari mu ntama! Ni ndebyibuka imyiyerekano yabaye aha iwacu muri 1993 Ndadaye ahejeje gutsinda amatora? Abigisha demokarasi irabananiye gukurikiza. Ni barindire 2020 bazoreke kumutora batore uwo bifuza. Emwe abarundi twanoga nimba hageze ko Abanyamerika bamwebamwe banka ivyavuye mu matora. Nk’umurundi ndababwiyr nti: "Haburana babiri hagatsinda umwe" kandi " Uwutsinzwe ntibatsindaho". Ni bigumye niko bigenda mw’ihiganwa.

  • Nibatekereze Nibabone Kw imana Yimikisha Amavuta Uwishatse Bwabundi Amerika Bazi Gukandamiza Ibindi Bihugu Nabonyene Ivyabo Birangwa Mwimigumuko Iyo Ningaruka Kuko Bashigikiye Abagumutsi Ijambo Ryi Mana Rivuga Ngo Icubiba Nicuzimbura Imana Izigame Uburundi Nabarundi

  • oya nimwumv namw ako karamaza!!barinda nagumuka ari imigambw ibiri gusa!!!harakantu iyaba ari 46 naho!!!Nibiyumvire ukuntu politiq imeze!!

  • Aba Démocrates Si Uko Bamera. Bategerezwa Gushira Aho Intahe Ishize. Abagumutse Bibuke Ko Naho Batamutoye, Abanyamerika Babarusha Ubwinshi Kure Niyo Aribo Bamutoye. Naho Bariko Barata Umwanya, Bararuta Ba Sindumuja Kuko Ntibaratangura Guturira Abenegihugu No Gutera Grénades Mu Bavukaburundi. Ewe Burundi,WARAPFUNYWE NTIWAPFUYE! IMANA YAKUDUHAYE ISHIMWE KANDI IKUDUTUNGIRE. !

  • Aba Démocrates Si Uko Bamera. Bategerezwa Gushira Aho Intahe Ishize. Abagumutse Bibuke Ko Naho Batamutoye, Abanyamerika Babarusha Ubwinshi Kure Niyo Aribo Bamutoye. Naho Bariko Barata Umwanya, Bararuta Ba Sindumuja Kuko Ntibaratangura Guturira Abenegihugu No Gutera Grénades Mu Bavukaburundi. Ewe Burundi,WARAPFUNYWE NTIWAPFUYE! IMANA YAKUDUHAYE ISHIMWE KANDI IKUDUTUNGIRE. !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.