IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Amashirahamwe 7 yo muri Pakistani yafatiye ibihano

Amerika : Amashirahamwe 7 yo muri Pakistani yafatiye ibihano

mardi 27 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Reta zunze ubumwe za Amerika ntizihanganira urudandazwa rw’ubumara bwa Nikreyeri kuko zaranafashe ibihano nk’ivyo ku mashirahamwe 15 yo muri Sudani na rimwe ryo muri Singapour.

Ayo mashirahamwe yafatiwe ibihano na Reta zunze ubumwe za Amerika yagirizwa kubangamira inyungu z’ico gihugu gifise mu makungu, nk’uko bishikirizwa n’igisata ca Amerika kijejwe ubudandaji.

Ivyo bihano bije mu gihe imigengeranire hagati ya Pakistani na Reta zunze ubumwe za Amerika isa n’iyatitutse, kuko Pakistani yagirizwa gufasha abarwanyi batera Amerika n’ibindi bihugu biri muri Afganistani ariko Pakistani ikavyamirira kure.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.