Amerika igiye kugerageza igisasu

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 27 Rusama 2017 saa 01:33
Yasomwe : 20592
0 0

Ubuyobozi bw’igisikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika bwamenyesheje ko bugiye kugerageza igisasu gishobora gushika kure kuva ku mugabane kigashika k’uwundi mugabane .

Iradiyo BBC imenyeshako Amerika igiye kugerageza ico gisasu inyuma yaho Koreya ya ruguru imaze imisi ikora ibisasu ikongera ikanabigerageza mu kubitera , ivyo bikaba vyateye impungenge igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Uwujejwe igendereza muri Amerika yamenyesheje ko Koreya ya ruguru idahagaritse ivyo bikorwa izoshobora gukora igisasu yotera kigashika mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika .

Amerika itegekanya kugerageza ico gisasu ku munsi wa gatatu.


Kumenyekanisha

1
FIACRE 27-05-2017 à 14:04

Nibageragez,abazoramba

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha