Amerika : Barack Obama yagenywe gukorera mu bucamanza

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 9 novembre 2017 saa 03:08
Yasomwe : 19134
0 0

Barack Obama yahoze arongoye igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yahawe amabanga yo kuba mu murwi w’abahinga babauranisha imanza muri sentare ya Chicago.

Amakuru y’ikinyamakuru CNN amenyesha ko Barack Obama yashitse mu gisagara ca Chicago kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 8 Munyonyo 2017, ariko ntiyahavuye atangura imirimo kuko yaciye asubizwa inyuma.

Umukuru wa sentare iburanisha mu gace ka Cook kari muri Reta ya Illinois, Tim Evans, yabwiye ibinyamakuru ko Barack Obama yahawe amabanga mu murwi uteri watumweko arico gituma yaciye asubizwa inyuma.

Igihe yashika muri sentare ikorera muri Daley Center mu gisagara ca Chicago, Barack Obama yaramukije abantu benshi bari baje gukurikirana urubanza yari gusasamwo.

Abantu bashika 220 nibo bari muri ico kibanza, ariko ikinyamakuru CNN kimenyesha ko bose yabaramukije kandi baronse n’akaryo ko kumuha ibitabo kugira bishiremwo umukono « autographes ».

Evans yavuze kandi ko Barack Obama yafashe n’amafoto ariko abuza abantu gufata ‘selfie’, abasaba gufotora amafoto asanzwe kugira ntacererwe mu kazi.

Barack Obama afise urupapuro rw’umutsindo mu bijanye n’amategeko rwo muri kaminuza Havard yo mu Bwongereza, akaba amaze gukora ibikorwa vy kwigisha ibiri mu vyatumye ahabwa amabanga yo kuja mu murwi w’abahinga muvy’amategeko.


Kumenyekanisha

1
Müller Peninna 11-11-2017 à 02:15

Africa niyo utanga ko akarorero ga Ndori we ?, Reka aje kukivi aracari muto kandi ubutungane burakenewe. Arafise expériance azoramira abatari bake. Avyagusa bitera ubwenge buke. Iyisi irageramiwe nta Kurya wicaye kirazira, azopfuma uyo mushahara awufashisha aboro muntara avamwo i Nairobi bararemvye. Mukomere

2
NDORI 10-11-2017 à 08:01

Muri AFRICA yoca avuga ko bamugaye goooseee. Ntiyovyemera yotuma yiryamira muhira akaza ararya yicaye.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha