Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Barack Obama yaneguye uko ubuhinga ngurukanabumenyi (...)
Amerika : Barack Obama yaneguye uko ubuhinga ngurukanabumenyi bukoreshwa
mercredi 27 décembre 2017
Mu kiganiro kidasanzwe yagize kuva avuye ku butegetsi,Barack Obama yavuze ko ikoreshwa ry’ubuhinga ngurukanabumenyi, mu buryo budakurikije amategeko, bituma haba ukutumvikana hagati y’abantu, kandi bikarwiza ibinyoma.
Donald Trump yasubiriye Barack Obama mu kibanza c’umukuru w’igihugu,akoresha urubuga rwa Twitter cane, ariko Barack Obama ntiyamuvuze mw’izina.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko Barack Obama yavuze ko abari mu butegetsi bakwiye gushira ubutumwa ku buhinga ngurukanabumenyi bitonze.
Barack Obama yavuze ko ubuhinga ngurukanabumenyi, buriko burahindura ingene abantu baganira.
Yavuze ko atewe uruhagarara na kazoza, aho amakuru ashingiye ku bimenyetso ata gaciro ahabwa, ahubwo abantu bakiyumvira canke bakisomera ivyo bumva bishigikira ivyo bemera.
MUGISHA Van Naris