Amerika : Faceboook yatanguye gukorwako amatohoza ku makuru y’abanywanyi bayo yibwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 21 Ntwarante 2018 saa 10:55
3705
0 0

Ikigo kijejwe ubudandaji mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika catanguje amatohoza ku makuru avugwa ko hari abantu bashika imiriyoni 50 bakoresha facebook bibwe amakuru yabo kuri urwo rubuga ngurukanabumenyi n’ikigo Cambridge Analytica.

Amakuru yashizwe ahabona n’ibinyamakuru New York Times hamwe na The Guardians mu mpera z’indwi iheze, yamenyesha ko Ikigo Cambridge Analytica gifise icicaro mu gihugu c’Ubwongereza gitanga amakuru y’ubuhanuzi ajanye na poritike.

Ayo makuru abandanya avuga ko mu gihe co kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2016 muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ikigo Cambridge Analytica cahawe akazi ko gufasha Donald Trump muri ico gikorwa.

Ikigo Cambridge Analytica cagirizwa ko cakoze ibintu biteye kubiri n’amategeko agenga amatora muri Amerika mu gutanga ubutumwa biciye mu makuru n’amatangazo ku bantu basaba ko botora Donald Trump.

Ayo makuru atanguye kumenyekana vyatumye ubutunzi bwa Facebook bugabanuka gushika ubu iryo shirahamwe rikaba rimaze guhomba imiriyaridi 60 z’amadorare y’abanyamerika.

Itegeko ryo mu mwaka wa 2011 ritegekanya ko mu gihe Facebook yipfuza gukoresha amakuru y’abanywanyi bayo ibanza kubibamenyesha ndetse bakabitangira ububasha.

Ikigo Cambrigde Analytica kubwaco gishikiriza ko amakuru bwakoresheje y’abantu babikoze ata mategeko ahonyanzwe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha