Amerika : Hatanguye kwibazwa vyinshi k’ukutaja ahabona kwa Melania Trump

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 30 mai 2018 saa 02:18
18480
0 0

Ibinyamakuru vyo ku mugabane wa Buraya na Amerika vyatanguye kwibaza aho umukenyezi w’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika ageze, inyuma y’iminsi ataboneka.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Parismatch.com amenyesha ko ,Melania Trump, aheruka kuja ahabona kw’igenekerezo rya 10 Rusama 2018, igihe Amerika yakira abapfungwa batatu barekuwe na Koreya yo mu Buraruko.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko kuva ico gihe, Malania Trump yaciye aja mu bitaro vy’abasirikare Walter Reed National Military Medical Center, aho bamubaze ifyigo.

Umuvugizi wiwe Stephanie Grisham yasohoye itangazo avuga ko Melania Trump, yagiye kwa muganga kwivuza ariko ko, vyagenze neza, kandi ko ameze neza, ku bavuga nabo ko ubuzima bwiwe bubangamiwe ari ibinyoma.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha