IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika: Hatowe umuti ushobora kurwanya SIDA gushika ku bice 99 (...)

Amerika: Hatowe umuti ushobora kurwanya SIDA gushika ku bice 99 kw’ijana

samedi 23 Nyakanga 2017

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko uwo muti ukozwe ku buryo ushobora gutera ibihimba bikomeye bitatu vy’umugera ,bigatuma umugera HIV udashobora kuwurinda.

Ayo makuru nyene amenyesha ko ico gikorwa cakozwe n’ikigo ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika citaho ivy’amagara "US National Institutes of Health" hamwe n’ihinguriro ry’imiti Sanofi.

Ikigo gifasha kurwanya SIDA "International Aids Society" cavuze ko kinezerejwe n’iyo ntambwe.

Uwo muti uzotangura kugeragezwa ku bantu mu mwaka wa 2018, kugira barabe ko ushobora gukingira umuntu ntiyandure canke kumuvura.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.