Amerika : Igitabo "Fire and Fury" catanguye kugurishwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 5 janvier 2018 saa 04:01
Yasomwe : 9099
0 0

Inyuma y’igihe ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika binaniwe guhagarika isohorwa ry’igitabo ciswe "Fire and Fury" (umuriro n’ishavu rikaze), ico gitabo catanguye kudandazwa.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko amazu adandaza ibitabo muri Amerika, yavuze ko ico gitabo kiriko kironderwa n’abantu benshi haraheze iminsi ine.

Ayo makuru ya BBC amenyesha ko,umukuru w’igihugu ca Amerika Donald Trump yiyamirije ico gitabo yise ic’ibinyoma, yiyamiriza n’uwacanditse, mu majambo yashikirije ashavuye cane.

Umukuru w’igihugu Donald Trump, yavuze ko ico gitabo cuzuyemwo ibinyoma,kandi ko atigeze aha uwacanditse uburenganzira bwo kwinjira mu biro vy’umukuru w’igihugu, White House.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha