Amerika: Igitigiri c’abapfuye mu gisagara ca Nevada congerekanye

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 3 Gitugutu 2017 saa 11:07
Yasomwe : 8946
0 0

Igiporisi ca Reta zunze ubumwe za Amerika kiriko gikora amatohoza kugira kimenye icatumye Stephen Paddock arasa mw’ihoteri ya Mandalay mw’igorofa ya 32 ikinirwamwo akamari kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 1 Gitugutu 2017.

Igiporisi kimenyesha ko cafashe inkoho 23 mu cumba ciwe co mw’ihoteri hamwe n’izindi 19 ziri kumwe n’ibisasu ntezwantoki basanze muhira iwe mu gisagara ca Nevada.

Amakuru ava mu bajejwe amatohoza avuga ko ata sano riri hagati y’ico gitero n’abihevyi ariko umugwi wa Reta ya Kisiramu ukaba wamaze kwemeza ko ufise uruhara mur’ico gitero,bamwe mu bakora amatohoza banuganuga ko uwateye yoba afise ingwara yo mu mutwe naho bitaremezwa.

Bivugwa ko Stephen Paddock yigeze kuba mu kigo c’abageze mu zabukuru mu gace ka Mesquite mu buraruko bwa Las Vegas .

Umugore yitwa Marilou Danley aba mu gihugu c’Ubuyapani niwe bivugwako yigeze kubana na Stephen Paddock ariko bigashikirizwa ko uwo mugore ata ruhara afise mur’ico gitero.

Mwomenya ko igitigiri c’abapfuye kigeze kuri 59 abashika 527 nabo barakomereka.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha