IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika : Ikigo kiranga kahise n’imico y’Abanyamerika b’abirabure (...)

Amerika : Ikigo kiranga kahise n’imico y’Abanyamerika b’abirabure cuguruwe

dimanche 25 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika huguruwe kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Nyakanga 2016, ikigo ndangakaranga kigaragaza kahise n’imico vy’abanyamerika bafise urukoba rwirabura.

Ivyo birori vyitabwe n’abategetsi batari bake barimwo umukuru w’igihugu Barack Obama, icegera ciwe Joe Biden, Georges W. Bush yahoze arongoye Amerika, umukuru w’inama nshingamateka Paul Ryan, abaserukira ibihugu vyabo muri Amerika, n’abandi bategetsi batandukanye.

VOA ivuga ko iyo nzu yubatse mu gisagara ca Washington DC, ahasanzwe ari hafi y’ibindi vyibutso birimwo “Washington Monument”.

N’ayo iyo nzu yuguruwe ku butegetsi bw’umukuru w’igihugu Barack Obama, itegeko ritanga uburenganzira bwo kwuyubaka ryashizweko umukono na George W. Bush, akiri ku butegetsi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.