IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Tombora ya “Green Card” ishobora guhagarikwa

Tombora ya “Green Card” ishobora guhagarikwa

jeudi 2 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’igitero cabaye kuri uwu wa kabiri mu gisagara ca New York, Umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika yamenyesheje ko uwateguye ico gitero ari umudereva w’imodoka yo bwoko bwa "Camion" ava mu gihugu ca Ouzbekistan, akaba yari muri Reta zunze ubumwe za America kubera yakinye iyo tombora agaca aronswa impapuro zimuha uburenganzira bwo kuba muri ico gihugu.

Inyuma y’ico gitero, Umukuru w’igihugu Donald Trump akaba yasavye inama nshingamateka gukuraho iyo tombora, kuko ku bwiwe ata bantu muri ico gihugu bakeneye baza guhungabanya umutekano w’igihugu cabo.

Donald Trump akaba yaneguye Chuck Schumer, uwo akaba ari umwe mu bashizeho integuro y’iyo tombora mu gihumbi kimwe amajana icenda na mirongo icenda (1990). Uwo Chuck Schumer akaba yari afise intumbero yo guha akaryo abanyagihugu bo mu bihugu bitandukanye, ko kuba muri Reta zunze Ubumwe za Amerika.


Huguette NKURUNZIZA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.