Amerika : Umunyamabanga mukuru wa Reta yakuwe

Yanditswe na Callixte NDIKUMANA
Kuya 13 Ntwarante 2018 saa 04:51
7500
0 0

Umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yakuye umunyamabanga mukuru wa Reta, Rex Tillerson, amusubiriza na Mike Pompeo arongoye urwego rw’iperereza rya Amerika (CIA).

Umukuru w’igihugu ca Amerika Donald Trump aremeza igenwa rya Mike Pompeo, abicishije ku rubuga ngurukana bumenyi rwiwe rwa Twitter, nk’uko vyemezwa n’ikinyamakuru « Washington Post ».

JPEG - 34.9 ko
Rex Tillerson yahora ari umunyamabanga mukuru wa Reta ya Amerika

Gina Haspel nawe yaciye atorwa kuba umukuru w’urwego rwa CIA asubirira Mike Pompeo. Abaye umukenyezi wa mbere atwaye urwo rwego muri Reta zunze ubumwe za Amerika.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha