Umushikirizamanza mukuru wa Amerika yasabwe kwisigura mu nama nkenguzamateka

Yanditswe na IGIHE
Kuya 12 juin 2017 saa 02:56
Yasomwe : 3996
0 0

Umushikirizamanza mukuru wa Amerika Jeff Sessions yasabwe kwisigura mu mugwi w’inama nkenguzamateka inyuma y’ivyashikirijwe na James Comey yahoze arongoye igendereza rya Reta zunze ubumwe za Amerika.

Uwo mushikirizamanza azoja imbere y’akagwi k’inama nshingamateka kajejwe iperereza, akazokwumvirizwa kuri uwu wa kabiri, nk’uko biri mw’ikete yarungikiwe.

Nk’uko vyanditswe na BBC, ingingo y’ukwimvirizwa kwa Jeff Sessions mu nama nkenguzamateka yafashwe inyuma y’ibiheruka gushikirizwa na James Comey yigeze kuba aramutswa igendereza (FBI).

JPEG - 63.7 ko
Jeff Sessions, umushikirizamanza mukuru wa Amerika

Mw’ikete yanditse ku munsi wa gatandatu, James Sessions yagize ati : "Birakenewe ko mpabwa akaryo ko kuvuga kuri ivyo bibazo mu kibanza gikwiye" akibaza ko hoba imbere y’umugwi ujejwe iperereza w’inama nkenguzamateka.

Iyo nama izoba ku munsi wa kabiri, izoba irimwo n’icegera c’umushikirizamanza mukuru Rod Rosenstein.

Jeff Sessions yikuye mw’itohoza rya FBI ku bijanye n’ingene Uburusiya bwivanze mu matora ya Amerika mu kwezi kwa gatatu, igihe vyibonekeje ko yagiranye umubonano n’uwuserukira Uburusiya mu matora aheze.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha