Amerika : Uwari amaze imyaka 16 apfunzwe yarokotse asigaje amasaha ane kugira yicwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 24 Myandagaro 2017 saa 03:03
Yasomwe : 17082
0 0

Buramatari w’intara ya Missouri muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, Eric Greitens yahagarikije kuri uyu bwa kabiri urubanza rwa Marcellus Williams w’imyaka 48 imbere y’amasaha 4 kugira ahabwe igihano co kwicwa hakoreshejwe guterwa imiti yica, nk’uko vyari vyategekanijwe n’ubutungane.

Ibipimo vya ADN (Acide Desoxyribo Nucleaire) vyakozwe ku maraso y’uwo mugabo yari amaze imyaka 16 mw’ibohero vyerekanye ko atariwe yagandaguye umugore nk’uko yavyagirizwa, akaba arico gituma umukuru w’intara ya Missouri yafashe iyo ngingo.

Uwuburanira Marcellus Williams yamenyesheje ko ibipimo biheruka vya ADN vyakozwe ku mupanga wakoreshejwe mu kwica uwo mugore vyerekana ko umuntu yamwishe atazwi, kandi ko atari Marcellus Williams.

Umuganga yanonosoye ivy’ibipimo vya ADN, Greg Hampikian yavuze ko ibipimo vyakozwe ku mishatsi yasanzwe ku kiziga c’uwo mugore bigaragaza ko iyo mishatsi atari iya Marcellus Williams, umugabo yagirizwa ico caha.

Abantu batari bake bariyamirije urwo rubanza rw’ugupfa rwari rwaciriwe Marcellus, bikaba vyatumye abantu bashika ku bihumbi 200 basinya urwandiko rwo kwiyamiriza urwo rubanza.

Mwomenya ko Marcellus Williams yari yaciriwe urubanza rwo gupfa mu mwaka w’2001, inyuma yo kwagirizwa ko yishe umugore akoresheje umupanga, aho hakaba hari mu mwaka w’1998.


Kumenyekanisha

1
john merry 25-08-2017 à 17:09

pole Sana Ninyuma Ya Zero Irakora Usenga Wihanganye

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha