IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yasabwe kwisubirako ku ngingo yo kwemeza Yerusaremu nk’umurwa mukuru (...)

Amerika yasabwe kwisubirako ku ngingo yo kwemeza Yerusaremu nk’umurwa mukuru wa Isirayeli.

dimanche 10 décembre 2017

Mu rwandiko rwasohotse inyuma y’inama yihutirwa yabereye i Kayiro ku murwa mukuru wa Misiri, urunani rw’abarabu rwavuze ko iyo ngingo ye Reta Zunze Ubumwe za Amerika izotuma ubwicanyi bwiyongera mu Burasirazuba bwo Hagati.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko abo bashikiranganji basavye amakungu kwemeza Palestina nk’igihugu hamwe na Yerusaremu y’ubuseruko, umurwa mukuru wayo.

Umushikiranganji wa Libani ajejwe imigenderanire, Gebran Bassil, yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika yari ikwiye gufatirwa ibihano vy’ubutunzi, kugira ibuzwe kwimurira ubuserukizi bwayo i Yerusaremu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.