Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yateye ikirindiro c’abasirikare ba Syria
Amerika yateye ikirindiro c’abasirikare ba Syria
vendredi 7 Ndamukiza 2017, par
Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika cakoze kuri uwu wa gatanu ibitero vya "missile" ku kirindiro ca gisirikare c’igihugu ca Syria, ico gikorwa kikaba cabaye mu ntumbero y’ukwihora igitero bivugwa ko hakoreshejwe ubumara ku gisagara kigenzugwa n’abarwanyi, nk’uko BBC ibivuga.
"Missiles" 59 zo mu bwoko bwa Tomahawk zatewe ziva ku bwato bw’ingwano bwa Amerika buri mu kiyaga Méditerranée. Abantu batandatu nibo bapfuye, nk’uko igisirikare ca Syria cabimenyesheje.

Ico gitero kibaye igitero ca mbere c’igisirikare ca Amerika ku ngabo za Syria zirongowe n’umukufru w’igihugu Assad.
Igihugu c’Uburusiya ciyamirije ico gitero. Dmitry Peskov, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Vladimir Putin, yise ico gitero "agasomborotso ku gihugu cigenga".
Ico gitero cakozwe bugira buce muri Syria kuri uwu wa gatanu, kikaba gishitse inyuma y’iminsi abantu baharugwa mu mirongo b’abasivire bagwiriyemwo abana bishwe mu gitero bivugwa ko hoba hakoreshejwe umwuka w’ubumara mu gisagara ca Khan Sheikhoun mu ntara ya Idlib.
IGIHE
Messages
7 Ndamukiza 2017, 14:42, par Houssen
Ababipfa nababisangiye reka bahondane bose nabagabo uwuzonyarwa aziruka!
7 Ndamukiza 2017, 22:03, par jean bosco
None amerika yabiteye vyisunze amategeko? Emwe nzoba mbarigwa reka turindire iyo bizoherera
8 Ndamukiza 2017, 01:02, par BAREKE
AMERIKA IZOGEZA RYARI MUKWIVANGA MUR POLITIQUE YIBINDI BIHUGU?SRIYA NIYIHANGANE
8 Ndamukiza 2017, 11:29, par NDIKUMANA
NONE AMERIKA IRONDERIKI MURISIRIYA?BAGOMBABAKORE BIMWEBAKORA MURIRIBIYA IGIHE BISTAKADAFI BAMUHOYIKI?KWARAKABONERO AMERIKIFISE?STANKE SADAMUSENI BAMUHOYIKI?MURI IRAKI?NIMBA AMERIKA IRINDA NIYINZIRE MURIKOREYA YARUGURU?STANKE YINZIRE MURI IRANI?BAYIVUGUTIRUMUTI STANKE MUBURUSIYA BAYEREKE KWATAGUMFINA BAJOPIME BAJEMUBURUNDI TUBAVUGUTIRUMUTI IBIHUGU NIMWIBEKO KUKO AMERIKA YOHAVIBAGENDERAKO MURAKOJE
8 Ndamukiza 2017, 16:12, par Diego Irankunda
None Muvyukuri Ko Imana Yaremye Umunt Imwishushanijeho Dupfiki? Kandi Turi Bene Mugabo Umwe? Vyiza Nuko Mwoza Tugasengera Ibihugu Vyacu Imana Ikatugarukira Murakoze
9 Ndamukiza 2017, 14:30, par %XXXX%
Kurino Si Ntamahor Umuhirwe Nuwamenye YESU.Ababipfa nababisangiy, Amerika Yamwe Yiganza Kuva na Kera.
10 Ndamukiza 2017, 08:05, par ndc
Ico nico cerekana politique y’abazungu. Gusambura ibihugu vyabariko baratera imbere kugira bitabagare, bisambuke, bigume biri inyuma mu butunzi hanyuma bo bagume bari hejuru muri vyose. Ico babonye kiriko kirfaja imbere baguma bagicinyiza mpaka. Raba Iraq, Iran, Koreya, Japon, Libiya, ..... n’ibindi vyose iyo biva bikagera.