Amerika yatezuriye Canada na Mexique ku makori y’ivyuma

Yanditswe na Callixte Carpe NDIKUMANA
Kuya 8 Ntwarante 2018 saa 11:48
4410
0 0

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika "White House" vyamenyesheje ko hari ibihugu bishobora gutezurigwa ku makori mashasha y’ivyuma vyinjira muri Amerika.
Ukwo gutezurigwa gushingiye ku mutekano w’igihugu, kuzogirigwa Canada na Mexique, nk’uko umuvugizi wa "White House", Sarah Sanders yabivuze.
Umukuru w’igihugu ca Amerika Donald Trump yavuze ko ivyuma vyo mu bwoko bwa "acier" bizorihishwa ibice 25 kw’ijana, ivyo mu bwoko bwa "aluminium" ibice 10 kw’ijana. Iryo tegeko (...)

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika "White House" vyamenyesheje ko hari ibihugu bishobora gutezurigwa ku makori mashasha y’ivyuma vyinjira muri Amerika.

Ukwo gutezurigwa gushingiye ku mutekano w’igihugu, kuzogirigwa Canada na Mexique, nk’uko umuvugizi wa "White House", Sarah Sanders yabivuze.

Umukuru w’igihugu ca Amerika Donald Trump yavuze ko ivyuma vyo mu bwoko bwa "acier" bizorihishwa ibice 25 kw’ijana, ivyo mu bwoko bwa "aluminium" ibice 10 kw’ijana. Iryo tegeko rishirwako umukono kuri uwu munsi wa kane.

Hagati aho, igihugu c’Ubushinwa cagabishije kivuga ko kizofata "inyishu ibereye kandi ikenewe" mu ngwano y’ubudandaji iyariyo yose na Amerika.

Nk’uko bishikirizwa n’ikinyamakuru BBC, Umushikiranganji w’imigenderanire Wang Yi yavuze ko Ubushinwa na Amerika vyari bikwiye kwumva ko bakorana hakuba abakeba.

Umuryango wa Buraya wavuze ko uzofata ingingo zo kwihora ku bidandazwa biva muri Amerika birimwo "Bourbon" n’amavuta yo gusiga y’ivyema.

Umukenyezi Sanders avuga ko umukuru w’igihugu ca Amerika ashobora gusinya ayo mategeko mu mpera z’ino ndwi.

Yongeye abandanya avuga ati : "Hari ibihugu bishobora kutarabwa n’uwo mugambi nka Mexique na Canada kubera imvo z’umutekano, bigashoboka ko n’ibindi bihugu bishobora kugirigwa ukwo muri ubwo buryo. Ivyo bizokogwa hihwejwe igihugu kimwe kimwe ivyaco."


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha