Ubwongereza : Abarenga imiriyoni 45 bitezwe kwitaba amatora y’abashingamateka

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 8 juin 2017 saa 12:09
Yasomwe : 765
0 0

Abantu bagera ku mamiliyoni nibo bitezwe ko baza kwitaba amatora y’abashingamateka aza kuba kuri uwu wa kane mu gihugu c’Ubwongereza mu bibanza bishika ku bihumbi 40 vyategekanijwe mu gihugu cose.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko abashingamateka bashika 650 aribo baza gutorwa n’abantu bashika imiriyoni 46,9 bari biyandikishije kugira bitabe ayo matora ariko ibice bishika 16 kw’ijana vy’abantu baramaze gutora biciye ku buryo bwa posita.

Ibiharuro mfatakibanza yivyavuye muri ayo matora bizomenyekana kuri uno wa kane, ibiharuro burundu navyo bizoshigwa ahabona ku mutaga wo kuwa gatanu igenekerezo rya 9 Ruheshi 2017.

Mwomenya ko amatora y’uno mwaka yitabiriwe n’abantu benshi ugereranije n’abitavye amatora mu mwaka wa 2015 aho abari bayitavye bashika imiririyoni 46,4.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha