Arabie Saoudite : Abakenyezi barekuriwe gutwara imodoka

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 27 Nyakanga 2017 saa 09:17
Yasomwe : 6246
0 0

Umwami w’igihugu ca Arabie Saoudite, Salman yemeje itegeko riha uruhusha abakenyezi bo muri ico gihugu rwo gutwara imodoka inyuma y’imisi nyinshi imigwi ihurikiyemwo abakenyezi hamwe n’imigwi y’agateka ka zina muntu isaba ko abakenyezi borekurirwa gutwara imodoka, ivyahora bifatwa nk’ikizira.

Uwuserukira igihugu ca Arabie Saoudite mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Abdallah al-Mouallimi yamenyesheje ari mu nama y’iryo shirahamwe ariho yavuze ati :

"Bashingantahe, bapfasoni namwe rwaruka, ndazi yuko muza kunezererwa n’iyi nkuru aho mu mwanya muto uheze umwami ahejeje kwemeza itegeko rirekurira abakenyezi gutwaza imodoka. Iyi ni ntambwe nshasha nziza ku gihugu cacu haba ku bagabo no ku bakenyezi.’’

Umwe mubaharanira agateka ka zina muntu mu gihugu ca Arabie Saoudite yigeze gufungwa mu kiringo c’amezi 2 n’indwi 2 muri ico gihugu ariko aharanira ko abakenyezi borekurirwa gutwara imodoka yumvise iyo nkuru yavuze ati : « Imana ishimwe »

Arabie Saoudite n’ico gihugu conyene kw’isi abakenyezi batari barekuriwe gutwara imodoka, iri tegeko rirekurira abakenyezi gutwara imodoka rikazoja mu ngiro mu kwezi kwa Ruheshi umwaka wa 2018 ubushikiranganji bubijejwe buhejeje gutegura icegeranyo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha