IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > ishirahamwe > “Ata muco uko amafaranga yatojwe akoreshwa, igihugu ntigitera imbere”: (...)

“Ata muco uko amafaranga yatojwe akoreshwa, igihugu ntigitera imbere”: Faustin NDIKUMANA

Monday 11 June 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 11 Ruheshi 2018,umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko igihugu c’Uburundi caronse ikibanza kibi mu cegeranyo cakozwe n’ikigo mpuzamakungu kiraba ingene amafaranga atozwa n’ingene akoreshwa mu gihugu mu gihe iyo hari umuco murico gisata bituma igihugu cisununura.

Faustin NDIKUMANA yavuze ko kumenyesha amafaranga aba yatojwe n’ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagasi (OBR) biba bidahagije kuko umunyagihugu aba akeneye kumenya ahanini uko ayo mafaranga aba yakoze.

Kugira haboneka umuco mu bijanye no gushira ahabona amafaranga yatojwe n’uko yakoreshejwe,uyo mukuru wa PARCEM asaba ko sentare ijejwe kubahiriza amatungo ya Reta yofasha kugira hamenyekane abantu baronka uturusho n’abaribo “Exoneration” hamwe no gushiraho agatabu kerekana imigambi igiye kurangurwa hamwe n’abaronse amasoko.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.