Accueil > Amakuru > Mu makungu > Australia : Bamwe mu banonotsi bava mu Buganda n’Urwanda baburiwe (...)
Australia : Bamwe mu banonotsi bava mu Buganda n’Urwanda baburiwe irengero
jeudi 12 avril 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abatunganije iryo higanwa bavuga ko harimwo abava mu gihugu c’Urwanda n’Ubuganda, kandi ko batanguye kubarondera.

Ayo makuru amenyesha kandi ko abanonotsi umunani bava mu gihugu ca Cameroun , hamwe n’abandi babiri bava muri Sierra Leone nabo baburiwe irengero, ariko bariko barabarondera.
Ntibibaye irya mbere aho abakinyi bitavye iryo higanwa bagenda bakaburirwa irengero, kuko mu mwaka wa 2000, mu nkino zo kunonora imitsi zabereye mu gisagara ca Sydney, abanonotsi barenga 100 bararengeje ikiringo bari barekuriwe co kuba mu gihugu ca Australiya.


MUGISHA Van Naris