Austrariya : Itegeko ryemerera abahuza ibitsina babisangiye kwubakana ryemejwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 15 Munyonyo 2017 saa 11:46
Yasomwe : 7227
0 0

Abanyagihugu bo mu gihugu ca Austrariya bemeje mu matora ingingo yemerera abahuza ibitsina babisangiye guhabwa uruhusha rwo kubakana biciye mu mategeko. Ibice 61,6 kw’ijana vy’ibiharuro vy’abatoye batoye ko abahuza ibitsina babisangiye boshobora kuraganishwa imbere y’amategeko.

Abashigikiye abahuza ibitsina babisangiye bishimiye ayo matora bakaba baboneka mu mabarabara menshi agize ico gihugu baririmba bongera batamba.

Inyuma yaho ivyavuye mu matora bimenyeshejwe, umushikiranganji wa mbere wa Austrariya Malcolm Turnbul yashikirije ko Reta arongoye izoca ishikiriza iyo ngingo inama nshingamateka kugira iyemeze mu kwezi kuza kwa 12 uwu mwaka wa 2017.

Malcolm Turnbull yagize ati : "Abanyagihugu ba Austrariya batoye ego kugira habe ukungana mu vyerekeye ivyo kubakana".

Amakuru ava mu bimenyeshamakuru vyo muri ico gihugu ashikiriza ko abantu bashika imiriyoni 12,7 baharugwa mu bice 79,5 kw’ijana aribo bitavye ayo matora aho ikibazo cari kimwe gusa co kwemeza canke guhakana ko itegeko ryerekeye kwubakana ko ryohindurwa rikemerera abahuza ibitsina babisangiye bagashobora kwubakana imbere y’amategeko.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha