IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > BARIBONEKEZA: ’’Umuntu yinjira canke akava mw’ishirahamwe kuko (...)

BARIBONEKEZA: ’’Umuntu yinjira canke akava mw’ishirahamwe kuko abishatse’’

mercredi 11 Nzero 2017

Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zinamuntu CNIDH,Jean Baptiste BARIBONEKEZA amenyesha ko,umuntu aja mw’ishirahamwe ryose canke akarivamwo kuko abishatse.

Inyuma yaho hari abamenyesheje ko urunani rw’amashirahamwe y’abakozi bo mu nzu rutoza amafaranga 8500 ku mukozi wese akorera mu gisagara ca Bujumbura,ishirahamwe CNIDH rimenyesha ko rikurikiranira hafi ibikrwa vy’iry shirahamwe rihuza abakozi bo mu nzu.

Jean Baptiste BARIBONEKEZA arongoye CNIDH amenyesha ko umurwi arongoye uriko urakorana nabo vyega bose.

Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH asaba Reta gukurikiranira hafi ibikorwa vy’amashirahamwe avuga ko adaharanira inyungu z’amafaranga ,kuko hari ayo abayarongoye bikika mu kiza kugira bitungishe n’amafaranga y’abanyagihugu.

Jean Baptiste BARIBONEKEZA amenyesha ko ata muntu yinjira mw’ishirahamwe ku nguvu.


IGIHE

Messages

  • ingorane nuko ari igipolisi ciruka inyuma yabo bakozi bo mu nzu. None ko Leta ivyikurako, abatwara abapolisi bakavyikurako, none abo muvuze bikika mu kiza basigaye bifitiye igipolisi cabo? Kira noneho iyo abo ba polisi baje, ntawutwara ayo mashirahamwe twigera tubona.

  • Ingorane nya mukuru Uburundi bwabaye igihugu kitagira amategeko, igihugu cimpehe nsa. Upfa kwitwa umu DD uba ufise ububasha bwo gushinga amategeko ushatse, bwo gutoza amafaranga uko ushatse. Akarorero ni plaque z’amakinga, inyigisho z’inyongera ku banyeshure........ngo biba abashikiranganji bajejwe ico gisata batabizi. Ntaho ryakabonetse, ni akamaramaza. Umu DD wese , bibwirizwa kuba aro consigne, afise ububasha bwo gutoza taxe umunyagihugu. Na none Abarundi baramba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.