Mu rugendo arimwo mu gihugu ca Laos, umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama yariyamirije, Donald Trump, mu kuvuga ko adakwiriye kuyobora igihugu.
Barack Obama yabitangaje inyuma y’uko Donald Trump, ariko ahiganira kuba umukuru w’igihugu ku ruhande rw’Abarepublicain, avuze ko umukuru w’igihugu w’Uburusiya, Vladimir Putin, ari umuyobozi abibereye kurusha Barack Obama.
Obama amenyesha ko atibaza ko Donald Trump akwiriye kuba umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Atangaza ko ivyo vyigaragaza igihe cose yuguruye umunwa.
Ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, Donald Trump yaratangaje ko Putin ari umuyobozi abikwiriye kurusha umukuru w’igihugu Barack Obama.
Nk’uko tubikesha VOA, Obama yishuye avuga ko mu mabanga y’umukuru w’igihugu, umuntu ategerezwa kumenya ivyo ariko aravuga, nk’umuntu ategerezwa kuba yiyumviye neza.
Umukandida w’Umurepublicain, Donald Trump, yaranebaguye kandi ibikorwa vy’igisirikare ca Amerika muri Iraki ku ntwaro ya Barack Obama. Yatangaje ko uwo mukuru w’igihugu atahaye agaciro na gato abasirikare bakomeye b’abajenerare.
Evr1with His Bsnss.