IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack OBAMA yaneguye imvugo ya Donald Trump

Barack OBAMA yaneguye imvugo ya Donald Trump

vendredi 9 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu rugendo arimwo mu gihugu ca Laos, umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama yariyamirije, Donald Trump, mu kuvuga ko adakwiriye kuyobora igihugu.

Barack Obama yabitangaje inyuma y’uko Donald Trump, ariko ahiganira kuba umukuru w’igihugu ku ruhande rw’Abarepublicain, avuze ko umukuru w’igihugu w’Uburusiya, Vladimir Putin, ari umuyobozi abibereye kurusha Barack Obama.

Obama amenyesha ko atibaza ko Donald Trump akwiriye kuba umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Atangaza ko ivyo vyigaragaza igihe cose yuguruye umunwa.

Ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, Donald Trump yaratangaje ko Putin ari umuyobozi abikwiriye kurusha umukuru w’igihugu Barack Obama.

Nk’uko tubikesha VOA, Obama yishuye avuga ko mu mabanga y’umukuru w’igihugu, umuntu ategerezwa kumenya ivyo ariko aravuga, nk’umuntu ategerezwa kuba yiyumviye neza.

Umukandida w’Umurepublicain, Donald Trump, yaranebaguye kandi ibikorwa vy’igisirikare ca Amerika muri Iraki ku ntwaro ya Barack Obama. Yatangaje ko uwo mukuru w’igihugu atahaye agaciro na gato abasirikare bakomeye b’abajenerare.


IGIHE

Messages

  • Jewe simbona icotuma Obama avugako Trump atoba umukuru wa USA mugihe yashigikiye mujeri ziraho zi Burundi kugezanaho ivyozimubwiye arivyo yagiye akora nkogufatira ibihano uburundi kubintu bitandukanye harimwo noguhanahana ibidandazwa.
    Jewe mbonahubwo na Obama imvugo yokubwira umugabo nkawe ngontashoboye gutwara igihugu mugihe amatora/abanyagihugu arivyo bizosiguraneza murupfasoni ko Trump adakwiye gutwara US canke akwiye kuyitwara muvyukuri jewe ndabona ayomajambo adakwiye kuvuga umukuru wigihugu ca United States of America.

  • Obama Nmugabo W’abgabo.Nayo Donald We Imisi Yose Avuga Nk’igihuna.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.