IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack Obama yaserukanye ijambo yashikirije urwaruka

Barack Obama yaserukanye ijambo yashikirije urwaruka

mardi 25 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Barack Obama yahoze ari umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yasubiriye guseruka ku mugaragaro imbere y’abanyagihugu kuva arahejeje ikiringo c’amabanga yiwe. Yahamagariye kuri uwu wa mbere, abakiri bato gufata iya mbere mu gufasha gutorera inyishu ibibazo vy’abanyagihugu mu bice babamwo.

Obama yatangaje ko muvyo yakoze mu gufasha abanyagihugu gutorera inyishu ibibazo bibaraje ishinga mu gisagara ca Chicago haraheze imyaka mirongo itatu yahakuye icirwa kw’abanyagihugu basanzwe, mu gihe bakoreye hamwe bashobora gukora ibitangaza. Atangaza kw’ico cabaye icirwa yagumanye gushika ubu.

Nk’uko tubikesha VOA, Obama yabaye umukuru w’igihugu agira uwa mirongo ina na kane, yatangaje ko yipfuza gufasha n’ugutegura abakiri bato kugira bafate iya mbere mu gutorera inyishu ibibazo bihanze amakungu.

Barack Obama yatangaje ko ibibazo nk’uburinganire hagati y’abanyagihugu ku bijanye n’uburyo bw’ukwibeshaho, ihindagurika ry’ibihe, ikibazo c’ugufatwa kumwe mu nzego z’ubutungane ari ibibazo bitoroshe na gato, ko yamara ari ibibazo bishobora gutorerwa inyishu.

Barack Obama ntiyari bwaseruke ku mugaragaro imbere y’abanyagihugu kuva arangije amabanga y’umukuru w’igihugu haheze amezi atatu. Muri ico gihe yararuhutse n’umupfasoni wiwe, Michelle Obama.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.